IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwahagaritse ibihano vyari vyafatiwe umumenyeshamakuru Egide (...)

Urwego CNC rwahagaritse ibihano vyari vyafatiwe umumenyeshamakuru Egide NDUWIMANA

samedi 24 février 2018

Aimée DIVINE NIYOKWIZIGIRWA icegera akongera n’umuvugizi w’urwego CNC mu kiganiro yahaye abamenyeshakuru ku wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018, yamenyesheje ko urwego CNC ruhejeje kwihweza ivyashikirijwe n’ikinyamakuru IGIHE aho casaba ko umumenyeshamakuru warwo Egide NDUWIMANA atezurirwa, rwaciye rufata ingingo yo gutezurira uwo mumenyeshamakuru.

JPEG - 38.2 ko
Aimée DIVINE NIYOKWIZIGIRWA ,icegera c’umukuru wa CNC akaba n’umuvugizi wa CNC

Icegera c’uwurongoye urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo, amenyesha ko ikinyamakuru IGIHE cemeye ko kigiye kuzokora hisunzwe amategeko y’igihugu c’Uburundi.

Umumenyeshamakuru Egide NDUIMANA avuga ko ashima kubona yatezuriwe ibihano yari yahawe, nk’uko n’igihe yafatirwa ibihano yemeye aho intahe ishize.

Egide NDUWIMANA avuga ko azobandanya akora umwuga wiwe neza kandi yubahiriza akarangamutima ko kumenyeshamakuru.

JPEG - 14.5 ko
Egide NDUWIMANA,Umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru, mu kinyamakuru IGIHE

Egide NUWIMANA yari yahagaritswe mu kiringo c’amezi 3 kuva kw’igenekerezo rya 26 Kigarama 2017, bivuye ku nkuru yari yatanze urwego CNC ruvugako itari ikwije canke yahonyanga amategeko y’igihugu c’Uburundi.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Asha Muragowe Pe.Ahumumenyeshamakuru Ategerezwa Kwandik Inkuru Inezereza Leta.Ntahobitaniye Navyabihe Vyaba Buyoya Na Bagaza.Nicogituma Wokwibaza Kwibintu Bimezeneza Kuberatamakuru Nyakuri Tutakiyaronka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.