IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwagirizwa ubusambanyi yicishijwe amabuye n’abarwanyi ba Al-Shabab

Uwagirizwa ubusambanyi yicishijwe amabuye n’abarwanyi ba Al-Shabab

mardi 30 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

BBC yanditse iyi nkuru ivuga ko Dayow Mohamed Hassan, w’imyaka 44, yahambwe kugera kw’izosi mu nyuma ategwa amabuye n’abagwanyi ba al-Shabab gushika acikane.

Yagirijwe kuba yagendana n’umugore yateye inda mu busambanyi kandi yari afise abagore babiri.

Al-Shabab iratanga mwenivyo bihano mu turere igenzura muri Somalia.

Mu 2014, hari umusore yatewe amabuye gushika aho apfa, yagirijwe gufata ku nguvu umukobwa.

Mu 2008, umwigeme yarishwe muri mwenubwo buryo yagirijwe ubusambanyi.

Mu gihe uwo yagirijwe ubusambanyi yariko yicwa hakoreshejwe amabuye, abantu amajana bariko bararorera mu karere ka Ramo Adey mu ntara ya Bay.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.