IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Yerusalemu : ONU yiyamirije ingingo ya Donald Trump

Yerusalemu : ONU yiyamirije ingingo ya Donald Trump

vendredi 22 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku bihugu 193 vyari vyitavye iryo koraniro, ibihugu icenda gusa nivyo vyashigikiye Trump, nayo 35 ntivyashimye kugira ico bibivuzeko. 21 bikaba bititavye iryo koraniro. Ibice 2/3 gusa vy’abagize inama ya ONU nivyo vyari vyitavye inama.

Abatashimye gutora bagize ico bavuga, nka Canada yashikirije ko ivyo batoye ataco bizokwungura umugambi w’amahoro, Mexique nayo ikavuga ko iyo nama ata kamaro yari ifise. Imbere y’ukwo inama iba, Donald Trump yashikirije ko Amerika ifasha ibihugu vyinshi vyo kw’isi, ko ibihugu bitazomushigikira ashobora guhagarika imfashanyo bironswa.

Mevlut Cavusoglu, umushikiranganji wa Turkiya w’imigenderanire avuga ati : « Donald Trump arasuzugurana. Ntidushobora kumwihanganira. Ushobora kuba ukomeye muga ntibisigura ko wama uri mu kuri »

Nabil Abou Roudeina, umuvugizi wa Mohammed Abbas umukuru w’igihugu ca Palestina, avuga ko ari intinzi kuri Palestina, ko bagiye kubandanya urugamba rwo guharanira ukwigenga kw’abanya Palestina.

Ku ruhande rwa Israyeri, Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere, arashimishwa n’igitigiri kinini c’ibihugu bitashimye gutora ingingo ya ONU, akabona ko bashigikiwe.

Ku ruhande rwa Amerika, batangajwe n’inyifato ya ONU, Nikki Haley, aserukira ico gihugu muri ONU, avuga ko iyo ngingo ya ONU itazokwigera yibagigwa mu banyamerika, akamenyesha ko ibihugu vyashimye kudashigikira Amerika bigiye kugira ibibazo.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.