IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Yves KAMIKIWE agiye gushira ahabona urukurikirane rushasha rw’indirimbo yise (...)

Yves KAMIKIWE agiye gushira ahabona urukurikirane rushasha rw’indirimbo yise UMWANYA

lundi 15 Rusama 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru igihe.bi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Rusama,umwaka wa 2017,Yves KAMIKIWE amenyesha ko urukurikirane rw’indirimbo rushasha yise UMWANYA rugizwe n’indirimbo 8, azorushira ahabona hagati mu kwezi kw’indwi,rukazoba kandi rufise ishusho nshasha kuko yisunze umudiho w’ikirundi mu kuziririmba.

umuririmvyi KAMIKIWE Yves batazira Samandari amenyesha ko kuva atangura kuririmba nk’umunyamuziki yabigize umwuga mu mwaka wa 2007,amaze gukora ibikorwa bitari bike kuko amaze gusohora urukurikirane rw’indirimbo rwitwa Samandari , rwavuyemwo n’izina bamutazira.

Umuririmvyi KAMIKIWE Yves avuga ko umuziki w’i Burundi ari ngirakamaro kandi ari itunga kuko ufasha mu bisata bitandukanye, kandi n’amashirahamwe amwe amwe awukoresha mu guhimiriza abantu uko bokwifata mu bihe bitandukanye.

KAMIKIWE Yves asaba abafise uburyo gushira umutahe mu gushigikira abaririmvyi na cane cane abaririmba bisunze umuco n’umudiho w’ikirundi, kuko ari itunga rikomeye bashobora gukoresha kugira babandanye gutera imbere, umuririmvyi nawe ashobore kubeshwaho n’umuziki.

Ku ruhande rwa Reta, umuririmvyi KAMIKIWE Yves asaba ko Reta yokurikirana ikigo kijejwe gukingira ibikorwa vy’abaririmvyi OBDA ikaraba ko kiriko gikora ico gitegerezwa, kuko vyotuma abanyamitahe badatinya gushira uburyo mu mwuga wo kuririmba.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.