IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yasiguye igituma urukurikirane ’’Umwanya’’ ruzoteba (...)

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yasiguye igituma urukurikirane ’’Umwanya’’ ruzoteba gato kuja ahabona

mardi 27 Ruheshi 2017

Mu kiganiro Yves KAMIKIWE yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko imyiteguro kubijanye no gutegura urukurikirane rushasha isa n’iyaheze,naho hari indirimbo yitwa umudiho w’iwacu yateye impari, bisunze ku bivugwamwo.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE avuga ko, indirimbo umudiho w’iwaci ivuga ku baririmvyi ba kera bakoze birashimwa mu guteza imbere umuziki w’Uburundi,ariko ko inyuma yo kubaza inararibonye mu muziki w ‘Uburundi yasanze hari abo yavuze atari kuvuga nabo atavuze muri iyo ndirimbo kandi bari bakenewe,ari naco gituma bisabwa ko ayisubiramwo akayikosora.

Yves KAMIKIWE amenyesha ko yiyemeje gukora mu ntumbero yo gufasha kugira igihugu c’Uburundi kigire ishusho yaco biciye mu muziki, igihugu kandi kigire umudiho cisangije, gushika ku rugero rwaho indirimbo ivuze umuntu aca amenya ko iyo ndirimbo ari iyo mu Burundi.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE araremesha abakunzi b’umuziki ko ata nkeka urukurikirane rushasha yise ‘’Umwanya’’ ruzoja ahabona imbere y’uko ici rihera.

Yavuze ati :« Nizera ko nko hagati mu kwezi kw’umunani urukurikirane ‘’Umwanya ruzoja ahabona’’ kuko indirimbo ‘’umudiho w’iwacu’’bazobanza kuyikosora

Yves KAMIKIWE ahamagarira abakunzi b’umuziki gukunda umuziki w’Uburundi n’umudiho w’i Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.