IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umugwi w’umupira w’amaguru wa Zanzibar wakuwe mw’ishirahamwe CAF

Umugwi w’umupira w’amaguru wa Zanzibar wakuwe mw’ishirahamwe CAF

samedi 22 Mukakaro 2017, par Jean de Dieu M.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika Ahmad yamenyesheje ko Zanzibar ari agace kagize igihugu ca Tanzaniya ko bitaribikenewe ko Zanzibar yemererwa kuba umunywanyi wa CAF agira 55.

Ahmad yavuze ati : “Bemerewe hatakwirikijwe amategeko. Ishirahamwe CAF ntirishobora kwemerera abanywanyi babiri bava mu gihugu kimwe”.

Mwomenya ko Zanzibar ari izinga risanzwe rikukira igihugu ca Tanzaniya ariko ako gace kakaba gafise umugwi w’umupira w’amaguru wigenga wama userukira ako gace mu nkino zama zikinwa mu karere igihugu ca Tanzaniya giherereyemwo.

Uwahora arongoye Caf Issa Hayitou akaba yaheruka kwemerera Zanzibar kuba umunywanyi wa Caf imbere yuko Ahmad arongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika.


Bikorimana Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.