IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Hatangujwe amatohoza ku rupapuro rw’umutsindo rwahawe Grace (...)

Zimbabwe : Hatangujwe amatohoza ku rupapuro rw’umutsindo rwahawe Grace MUGABE

mercredi 10 janvier 2018

Ikinyamakuru ca Reta muri Zimbabwe The Herald kivuga ko Grace Mugabe yagize ubushakashatsi mu bigo vy’abana.

Ico kinyamakuru kivuga ko Grace MUGABE yahawe urupapuro rw’umutsindo rwa PhD, inyuma y’amezi make amaze kwiyandikisha muri kaminuza kandi, mu bisanzwe bisaba imyaka myyinshi y’ubushakashatsi.

Mu kwezi kw’icenda, Grace MUGABE yabwiye abanywanyi b’umugambwe Zanu-PF ko yahawe urupapuro rw’umutsindo, ariko abatavugarumwe nawe bagumanye amakenga.

Ibinyamakuru muri Zimbabwe bivuga ko ubushakashatsi Grace MUGABE avuga ko yakoze kugira ahabwe urwo rupapuro rw’umutsindo butagiye ahabona, nkuko bikorwa ku bandi.

Grace MUGABE yahawe urwo rupapuro rw’umutsindo rwa PhD na kaminuza University of Zimbabwe mu mwaka wa 2014.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.