IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa (...)

Zimbabwe: Ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa vyasibijwe

Saturday 11 August 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC amenyeshako Umugambwe MDC (Movement for Democratic Change) uharanira amahinduka mu gihugu , werekanye ubicishije mu mategeko amakosa yakozwe mu guharura ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ko udusandugu tw’amatora twari dusanzwe twugaraniwemwo amakarata.

MDC ubandanya uvuga ko ibiharuro vy’ivyavuye mu matora vyadugijwe bituma Emmerson Mnangagwa atsinda.

Abakwirikiranira hafi poritike yaho mu gihugu ca Zimbabwe bavuga ko vyoshika sentare ikemeza ivyo umurwi w’abatavuga rumwe na reta bashikirije, amategeko ategekanya ko guharura amajwi bica bisubirwamwo canke ivyavuye mu matora bikagwiza impfagusa.

Amategeko ategekanya ko sentare izogira ico ivuze kuvyashikirijwe mu kiringo c’imisi 14.

Umukuru w’igihugu Emmerson Mnangangwa yari yatsinze amatora ku majwi 50,8%.

Umwe mu batavuga rumwe na reta ya Zimbabwe yafatiwe mu gihugu ca Zambiya agerageza guhunga inyuma y’aho reta imwagirije ko yashatse kugumura igihugu mu gushikiriza ivyavuye mu matora imbere y’umurwi ubijejwe.

Umwe mu banyacubahiro bari bitezwe kuja murivyo birori n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa .


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.