IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Ubutungane bwarekuye umupasitori yagirizwa guhungabanya ibikorwa (...)

Zimbabwe : Ubutungane bwarekuye umupasitori yagirizwa guhungabanya ibikorwa vya Reta

mercredi 29 novembre 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Pasitori Evan Mawarire yagirizwa kugerageza guhungabanya ibikorwa vya Reta ya Zimbabwe no kugumura abanyagihugu.

Pasitori Evan Mawarire yagirijwe ivyo bafatiye ku myiyerekano bivugwa ko yateguye mu mwaka uheze wa 2016.

Abatari bake bakurikiranira hafi ubuzima bw’igihugu ca Zimbabwe, bavuga ko bishobora kuba ari ikimenyetso c’ubwigenge bw’ubucamanza muri Zimbabwe inyuma y’ugutanga imihoho kwa Robert Mugabe .

Ku ruhande rwiwe, abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi,Pasitori Evan Mawarire amenyesha ko hageze ko bafatana mu nda mu guteza imbere igihugu ca Zimbabwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.