Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe:Uwagirizwa gutanga urupapuro rw’umutsindo rwa PhD Grace MUGABE (...)
 Zimbabwe:Uwagirizwa gutanga urupapuro rw’umutsindo rwa PhD Grace MUGABE yafashwe
 Zimbabwe:Uwagirizwa gutanga urupapuro rw’umutsindo rwa PhD Grace MUGABE yafashwe
				
				samedi 17 février 2018
Levi Nyagura afashwe inyuma y’imisi hatangujwe urwego rujejwe kuraba nimba Grace MUGABE ata manyanga yakoresheje kugira aronke urwo rupapuro rw’umutsindo rwo hejuru.
Amakuru atangwa amenyesha ko Grace Mugabe yiyandikishije muri iyo kaminuza mu mwaka wa 2014 aca ahabwa urwo rupapuro rw’umutsindo mur’uwo mwaka nyene kandi kugira umuntu ayironswe bisaba ubushakashatsi bumara imyaka itari mike.
Bamwe mu bigisha muri iyo kaminuza ya Zimbabwe bamenyesha ko batigeze bamenya uko Grace Mugabe yahejeje amashure yiwe ahubwo batangajwe bavyumvise mu binyamakuru.
Grace MUGABE yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo PhD mu mwaka wa 2014, mu vyigwa bijanye n’imibano.
Vianney BIKORIMANA
