IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abacukura ubutare basabwa kwubahiriza itegeko rishasha ryemejwe

Abacukura ubutare basabwa kwubahiriza itegeko rishasha ryemejwe

dimanche 20 Gitugutu 2013

Mu rugendo amazemwo iminsi mu ntara ya Ngozi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaragiranye umubonano n’abaserukira abacukura ubutare. Muri uwo mubonano wabereye i Busiga mu ntara ya Ngozi ku munsi wa gatanu, Petero Nkurunziza yasavye abo bacukura ubutare kwubahiriza itegeko rishasha rigenga ugucukura ubutare ryemejwe kuwa 15 Gitugutu 2013.

Mu gihe iryo tegeko rishasha rizofasha kugabanya ugucukura ubutare vya magendu, umukuru w’igihugu yahamagariye abacukura kuryubahiriza kuko ari ngirakamaro no ku gihugu kubw’amakori azokwinjira mu kigega. Iryo tegeko rishasha ribwiriza kandi abacukura ubutare gukingira ibidukikije, kurinda isi ndimwa gutituka.

Nk’uko vyasiguwe n’umushikiranganji ajejwe amasoko ntanga nguvu, Côme Manirakiza nawe nyene yari muri iyo nama, iryo tegeko rishasha rigenga abacukura ubutare ribwiriza abakora uwo mwuga gukorera hamwe muma koperative, kandi bongere basabe uruhusha rwo gucukura n’ukudandaza ubutare. Urwo ruhusha rukaba rutangwa n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu.

JPEG - 6.9 ko
Côme Manirakiza

Abaserukira amashirahamwe y’abacukure ubutare bazotegerezwa kuba barandikishije abakozi babo mu mashirahamwe akinga impanuka kugira bashobore kuvuzwa barwaye, canke bahuye n’isanganya ku kazi bashobore guhabwa udushumbusho.
Abazoba bacukura nabo bazotegerezwa kuriha ikori n’itagisi biri hagati y’ibice bitatu n’ibice bine kw’ijana. Ubutare buvuye mu Burundi buzotegerezwa kuba bufise ikimenyetso cerekana aho buvuye (ibendera ry’Uburundi) kugira uwuzofatwa ariko abudandaza kuri magendu baheze babumwake. Ubutare bufashwe buriko budandazwa kuri magendu buzogurishwa icamunara, uwo babufatanye nawe arihishwe amande agera ku miliyoni amajana atanu z’amafaranga y’amarundi, hamwe n’umunyororo ugera ku myaka mirongo ibiri.
Abimba bariko bacukura ubutare nabo, muri iryo tegeko rishasha bategekwa kutarenza imetero mirongo itatu, bongere bace bafurira ibinogo bazoba bimvye ibikorwa biheze.

Abari bitavye iyo nama bose basavye ko iryo tegeko ryemejwe kuwa 15 Gitugutu 2013 kugira risubiririre iryo kuwa 17 Mukakaro 1976 ryokwiragizwa, kugira abo ryega bose barimenye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.