Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abacuraranzi ntibashima umwanya wahawe ama karaoke
 Abacuraranzi ntibashima umwanya wahawe ama karaoke
 Abacuraranzi ntibashima umwanya wahawe ama karaoke
				
				vendredi 29 Ntwarante 2013
Muri ino minsi, haraboneka icuka kibi hagati y’abacuraranzi n’ubutegetsi, bikaba vyunyuwe n’ingingo ibuza (abaririmba mu birabo, bimwe bita karaoke) gushikana isaha zibiri z’ijoro bataraheza.
Nk’uko tubishikirizwa na Denis Nishirimbere, umuyobozi mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, umushikiranganji ntaramenyeshwa iyo ngingo.
Uwo muyobozi amenyesha ko bararindiriye uruhusha rw’umushikiranganji, hama babone kugirana inama n’abaserukira abacuraranzi, akizeza ko bagiye hamwe hazotorwa inyishu yorohereza bose.
Egide Nduwimana
