IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza basaba kwinjira mw’isoko kuraba ko atavyasigaye

Abadandaza basaba kwinjira mw’isoko kuraba ko atavyasigaye

mercredi 30 Nzero 2013

Muri iki gitondo co kuwa gatatu itariki 30 nzero 2013, iruhande y’isoko nkuru ya Bujumbura hazindukiye abantu benshi cane harimwo abadandaza bahoze bacururiza muri iyo soko nkuru ya Bujumbura, abo badandaza bose ngo bashaka kwinjira mw’ isoko kuraba nimba ibidandazwa vyabo vyose vyarahiye bigahera.

Inzego z’umutekano zahagaritse abo bantu bashaka kwinjira mw’ isoko kuko zabona ko kubareka bose bakinjira muri iyo soko bishobora gutera izindi ngorane zitandukanye , bagerageje kubisobanurira abo badandaji nubu banse kubitahura.

Inzego z’umutekano zasavye abo badandaza kwitoramwo umugwi ubaserukira kugirango abo batowe baje kubarabira uko bimeze hanyuma bishobotse bagatanga uburenganzira bwo gutangura ibikorwa vyo gutegura isoko.

JPEG - 79 ko

Uwo mugwi rero wakiriwe neza n’abadandaza kuko baciye bawushiraho, ukaba ugizwe n’abantu mirongo itanu na batanu batowe hakurikijwe ubwoko bw’ivyo badandaza kugirango buri igisata cose kigire abagiserukira .

I nyuma yo gutorwa kw’uwo mugwi ,twaganiriye n’abo batowe batubwirako bafise ivyizigiro ko baca baronka uburenganzira bwo kwinjira mw’ isoko bakaraba uko ibintu vyifashe hanyuma bakaronka ico babarira abandi badandaji baserukiye.

N’ubu rero abo batowe bararindiriye kwinjira mw’ isoko maze bakirabira neza uko vyifashe hanyuma nibasohoka bace bagirisha abadandaza bose inama babasobanurire bivanye n’ivyo babonye.


Joel Sengurebe

Messages

  • erega banyagihugu mwari mufise ivyanyu vyahiriye mwisoko ntimuratahhura Uburundi!!abajejwe umutekano je novuga ko bajejwe akaduruvayo ntibashobora kubemerera usanga bataraheza gusahura ibitarasha ngo bihere!!!cnke ko mwohava musanga hariho ahatahiye ngo hahere mugahava mubona ko ibintu vyanyu aribo babitwara!!!nne ukagira ntibavyiba izuba riva!!uuhh nagahinda kubona uwari kurinda kwiba ariwe yari mubambere mugusahura!!kuja kuri cotebu ntimwemere barashaka kuyiprivatisa ntakindi mwe abo bagabo mubazi igice twarabamenye sha!!!nahimana gusa!

  • aba civiles mutekereza gute? ahubwo mutangure mushake indi mitahe yo gucuruza bishasha muve muri ayo. kureba se bibamariye iki? ko mwabonye byose byaheze ibindi police ikiba kumugaragaro, hari nabo twabonye batwaye ama valises hari ikindi muja kureba. ahubwo murebe uko mwakora plan B. naho ubundi aba civiles bahora ari aba civiles.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.