IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abafasha Uburundi basiguriwe integuro y’amatora yo mu mwaka w’2015

Abafasha Uburundi basiguriwe integuro y’amatora yo mu mwaka w’2015

mercredi 30 Gitugutu 2013

Gutegura amatora meza, kandi yizewe na bose ni kimwe mu biraje ishinga umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CNI, nk’uko biri mu ngingo ya 91 y’ibwirizwa nshingiro rya republika y’Uburundi. Ivyo bikaba biri mu nteguro yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, abari mu nama y’abafasha Uburundi.

Muri iyo nteguro y’amatora yo mu mwaka w’2015, umushikiranganji Nduwimana amenyesha ko hari n’umurwi warungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika 12 Nyakanga uyu mwaka, ibikenewe mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015. Nduwimana akaba abandanya avuga ibijanye n’imibonano yagiye iraba hagati y’abanyepolitike haba inama yabahuje muri BINUB mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka, eka ndetse n’iyindi yabahurije mu ntara ya Kayanza mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka nyene mu kwumvikana ukwo amatora yo mu mwaka w’2015 yogenda, ndetse n’urupapuro rw’inzira ruzobashikana kuri ayo matora hari icuka ciza.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko amatora meza yateguwe, amatora yisunze intwaro ibereye mu Burundi, aho abafise bose imyaka ikwiriye yo gutora bazoyitabira atawandya wangura. Muri ico gikorwa c’ugutegura amatora nyene, abatowe kugira baze bayahagarikire co kimwe n’abakozi bose b’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, bakaba badasiba kunagurwa mu ntumbero yo kuzokora igikorwa kizima mu mwaka w’2015, co kimwe n’abazotorwa mu nyuma kugira bafashe mu guhagarikira amatora.

Kuri ivyo nyene, Nduwimana avuga ko Leta y’Uburundi iriko iritanga itiziganya kugira umutekano uze ube ukomeye muri ico gihe c’amatora, ndetse Leta ikaba iriko ikora ibishoboka kugira ntihaze hagire utunenge twobaho ngo twonone amatora yo mu mwaka w’2015.


Aistide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.