IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abaforoma bahagaritse ibikorwa bibayabaye ku ndwi ya 3 bahagaritse (...)

Abaforoma bahagaritse ibikorwa bibayabaye ku ndwi ya 3 bahagaritse akazi

jeudi 20 Kigarama 2012

Abaforoma bo mu ntara zitandukanye zo mu gihugu cose kuri uyu wa kane baburabujwe mu bitaro bitandukanye inyuma y’amajambo yashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu asaba abaforoma bahararitse akazi kuguma imuhira iwabo aho kuja ku kazi ataco bagiye gukora. Igipolisi cabirukanye kuri uyu wa kane, nabo baca bahagarika ibikorwa bibayabaye.

Mu ntara ya Muramvya abapolisi bazindutse kuri uyu wa kane bashwiragiza batako batakubita abaforoma bari muri yegereyegere aho ku bitaro vy’intara ya Muramvya. Abarwayi nibo bahagiriye ingorane, umurwayi yariko arabarwa baciye bamusiga ngaho barahunga inkoni z’abapolisi. Uwurongoye sendika SYNAPA ariwe Oscar NDAYISABA akaba yafashwe n’igipolisi ubu akaba afungiwe mu gipolisi aho mu ntara ya Muramvya.

No mu ntara ya Muyinga, abapolisi bazindutse bashwiragiza abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA. Bulamatari w’intara ya Muyinga Ildéphonse Ntawunkunda avuga ko bariko bakurikiza ingingo yaraye ifashwe n’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega.

Mu ntara ya Ruyigi ni komiseri w’igiplisi arikumwwe n’umushikirizamanza mukuru eka na bulamatari wiyo ntara yazindutse atera ubwoba abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA aho mu ntara ya Ruyigi. Uwo arongoye igipolisi mu ntara ya Ruyigi agasaba abaforoma batariko barakora kudasubira kuhonyoza ibirenge ku bitaro vy’intara ya Ruyigi batariko barakora.

Uwurongoye sendika SYNAPA ku rwego rw’igihugu, avuga ko bibabaje kubona abaforoma bakubitwa. Mélance Hakizimana avuga ko umuti w’ihagarikwa rya kazi ku baforoma ari ibiganiro hagati ya Reta n’abaforoma bahurikiye muri sendika yabo SYNAPA. Abo baforoma baciye bafata ingingo zo guhagarika ibikorwa bibayabaye vyo kwakira abarwayi baremvye.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu akaba yavugiye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa gatatu ko guhagarika akazi birekuriwe n’ibwiriza nshingiro ry’u Burundi. Willy Nyamitwe akamenyesha ko abaforoma bari mw’ihagarikwa rya kazi ko boguma iwabo aho kuja ku kazi badakora.

Abaforoma bari mu ndwi igira gatatu bahagaritse akazi aho basaba ko amasezerano bagiranye na Reta mu mwaka w’2009 ko yoja mu ngiro. Murayo masezerano harimwo inganishwa ry’imishahara na gashirukabute ku baforoma bagiye gukorera kure y’imiryango yabo.


Patrick Wasso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.