IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo na sentare nkuru y’i (...)

Abagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo na sentare nkuru y’i Bubanza

jeudi 7 Ntwarante 2013

Sentare nkuru y’i Bubanza yaraciriye umunyororo wo guherayo abagabo babiri bagirizwa ubwicanyi bwahitanye umukenyezi n’umwana wiwe, ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013.

Abo bagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo na sentare, bagirizwa urupfu rw’umukenyezi n’umwana wiwe.Uwo muvyeyi n’umwana wiwe bakaba bishwe ku munsi w’Imana uheze igenekerezo 3 Ntwarante k’umutumba Zina wo muri komine n’intara ya Bubanza.

Intandaro y’ubwo bwicanyi ikaba ari ingorane z’amatongo, nk’uko ababanyi b’uwo muryango wahuye n’ingorane bavuga.

Abo banyagihugu basaba ko imanza z’ivyaha nk’ivyo zoza ziranyaruka kuko ubwicanyi bufatiye kumatongo buguma bwibonekeza.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.