IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagendana ubumuga bariyamiriza ikumirwa bakorwako

Abagendana ubumuga bariyamiriza ikumirwa bakorwako

lundi 25 Munyonyo 2013

Mu biharuro vyakozwe na banki y’isi yose mu mwaka w’2011, basanze kw’isi nzima abantu bagera ku bice 11 kw’ijana aribo bangena ubumuga. Mu gihugu c’Uburundi, amatohoza yakozwe yerekana ko ibice 4,6 kw’ijana bafise ubumuga bukomeye. Abahurikiye mu mashirahamwe y’iterambere ry’abagendana ubumuga bibutsa Reta ko yokwemeza amategeko yubahiriza uwo murwi w’abarundi, nk’uko n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko vyabigize.

Kw’isi nzima, ku genekerezo rya 3 Kigarama bama bahimbaza umunsi wahariwe abagendana ubumuga. Mu gihe mu gihugu c’Uburundi uwo munsi uzohimbazwa ku genekerezo rya 10 Kigarama 2013, mw’ishirahamwe ADMH (Association pour le Développement des Militaires Handicapés) ryishinze iterambere ry’abasirikare bagendana ubumuga aragaruka ku bibazo abamugariye ku rugamba bafise, ibibazo bijanye n’ubukene, bivanye n’uko ubu ataco bafise bahereza amaboko. Bizabigomba Cassien, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ADMH ahamagarira abo bagendana ubumuga kureka kwikengera, bakore imigambi muvyo bashoboye, baje hamwe barwize amashirahamwe kugira bashobore kwiteza imbere. "Reta y’Uburundi yoreka kwirengagiza ko abo bagendana ubumuga nabo ari umurwi umwe muyigize abanyagihugu bo mu Burundi". Bizabishaka Cassien ahamagarira Reta kandi kwemeza amasezerano agenga abagendana ubumuga, nk’uko babisavye kuva kera kandi bisanzwe bimeze kw’isi yose, aho akibutsa ko mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko n’Uburundi bwonyene aribwo butaremeza ayo masezerano.

JPEG - 37.6 ko
Bizabigomba Cassien, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ADMH

Mw’ishirahamwe ry’abafise ubumuga bw’ukutumva neza bahamagarira abanyagihugu kuvavanura n’ingendo yo kwinuba abagendana ubumuga butandukanye. Kubwa Mungumwema Israel arongoye ishirahamwe ry’abatumva mu Burundi, abatumva ni abantu naho bakoresha imvugo y’ibimenyetso itandukanye n’iy’abantu bavuga. Mu ntumbero yo kurwanya iryo kumirwa, Mungumwema Israel ahanura n’abadafise ubwo bumuga kwiga imvugo y’ibimenyetso kugira umubano ushobore kuba mwiza.

JPEG - 40.4 ko
Mungumwema Israel arongoye ishirahamwe ry’abatumva mu Burundi

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.