IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagira imyiyerekano basabwe kutinjira hagati mu gisagara kuri uyu (...)

Abagira imyiyerekano basabwe kutinjira hagati mu gisagara kuri uyu muhingamo

vendredi 29 Rusama 2015

Abari mu myiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, basabwe kutinjira mu myiyerekano mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu muhingamo, nk’uko bari babiteguye.

Jeremie Minani umukuru wa RDB (Rassemblement des Democrates Burundais) akongera akaba n’umuvugizi wa Mouvement Arusha, abariye ikinyamakuru IGIHE.bi ko, bari biteguriye gushika mu gisagara ca Bujumbura mu myiyerekano yo kuri uyu wa 29 Rusama, none ko babihevye, kugira ntibahave bagirizwa ko aribo bateye isanganya rihejeje kubera hafi y’ibanki KCB, aho imwe mu miduga yari ihahagaze yaturika, ica ituma iyindi ibiri ifatwa n’umuriro.

Jeremie Minani ari mu ndongozi z’urugamba rw’iyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, avuga ko bari bageze hafi ya Saint Michel bashaka gushika mu gisagara ca Bujumbura kugira imyiyerekano, none asaba abo barikumwe n’abariko bava mu yindi mihingo, gusubira inyuma, ndetse ntibegereze igisagara ca Bujumbura mu myiyerekano, kugira ntibahohoterwe bagirizwa ko aribo baturiye iyo miduga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nivyo kabisa avuzevyo aho usanga arimitego yizo mbwebwe bashaka uwo bavyegamikako nibabareke bitfane. ntibajeyo turabe uwo bavyageriza nibarindire izombwebwe buca turaba amahera bazohembwa iyo shebuja azoyakura tuzorabe kwazoyakura muri vyabujumbu nayamyimbati.

  • Nukuri nivyo kuko abo bakozi ba satani(aba cndd-fdd bose)ntibaronk ico botwagiriza,ariko vyose turabizi na zirya tracte bakwiza ngo ni amatohoza yagizwe nayo ari ihonyabwoko IMANA idufashe bizoje kumitwe yabo@

  • Uwo mugabo nibamukanyage. Urwo ni urwiyerurutso kuko abo biyerekana basigaye bameze nka Boko Haramu kuko ntibakiri abigaragambya kuko ubu basigaye bameze nka Boko Haramu cg Ali Shebab. Nibamufate bamuhe inkoni avuge aho bavana izo grenades.

  • mbega wewe kutukana cane ukoriki tuzobayobora pe kadi wewe uzoce ufutwa muvyo ukorabyose hanyuma ndabe ico uzokora?

  • kigugu wiyise ntazotumara ko mwaduhere 1961 mwaratumaze nyaragasa mubitaro vyabasazi hakiri kare wa mbwebwe mbabarira sinahora nkunda gutukana ariko haraho bigera bikanka kwihanganira imbura bwege nkamwe ivyo vyose muguma mutera amagrenade hirya nohino mugutera ubwoba abantu no kwereka amakungu ko muburundi bicika mumenye kubundabunda abonwa nuhagaze bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona

  • Vyiza cyane umurongozi nyakuri abona ibibazo hakiri kare

  • BARUNDI Mwihanganerwose.Kinachokuwanamwanzo Nilazimakiwenamwisho.Na HABYARIMANA Wariwariyise KINANI Film Yizinze Rugikubita Na Pierre Nkurunziza Bizob’ukonyene.

  • @Ntazatumara. Uri ikigoryi kweri. Mwebwe se ko mwishe abahutu guhera 1962-1972-1993 mwarabamaze. Ico mbona cyo uri igisahiranda kigenda cyasamye ngo kiravuze. Buriya uwakubona yasanga ugenda wasamye kuburyo isazi zikugwa mukanwa. Uwakubyaye yaragendesheje kuko yabyaye umunyarushwima. Genda uri ingunzu kweri

  • Guys iyoshetani yinjiye mubarundi ninyabaki? Ariko ntimwokwubahimana mugakundana? Naho worarurica ntabatutsi canke abahutu womara! Abarundi ikibuzuyemwo nubujuju! Kuko uwariwe wese yigira najua! None bizohererahehe? Kundane ncuti zanje! Hanyuma mwubaki gihugu chachu!

  • @muhare zazi
    Abatutsi iyo muvuka barabigishije kubesha,iryo honyabwoko ryova kuki ko abatutsi muvugako ibibazo ari politique atari ethnique??Mwuzuyemwo contradictions nico gituma muguma muta crédibilité n’amakungu uretse utubiligi azobahinyura!!

    Nagira ndakubwire mwe n’abandi batutsi mwese mukunda kuvuga shetani umukuru wanyu,abahutu ntituri abakozi ba shetani mwebwe murayizi kandi mwayishikaniye ibimazi kuva mushitse i burundi il ya 400 ans sinzi uko vyagenze ubu yahisemwo kubahunga.
    Kuva abatutsi mushitse mu bihugu vyacu mwazanye ama shetani mukuye iyo mwaje muva,umwami bamwimika abanje kwisasira inganda z’abahutu,imisore myiza myiza ikomeye,abahudukazi bamwe bamwe bakabatwara ku kirimba pour ces pervers sexuels de roi et princes,abana bavyaye bakabagira sacrifices,en un mot des femmes brisées.Muri ivyo bihe abana bavyibushe n’abacuko bameze neza abavyeyi ico gihe barahekugwa umwami yabashingamwo amacumu abavyeyi bagandara avant umwami agire yime,abandi babita ubwoko bw’abagomeregwako bose babagira ibiraro mu nzuzi inka z’umwami zikabahonyanga ,rero wa ki débile we,subiza agatima inyuma wibaze les horreurs que vous les descendants de lucifer avaient inflige au peuple hutu qui vous a temoigné une hospitaite avec vos betes,vous avez continué après la monarchie,les genocides hutus repetitifs tout ça mwariko mukorera shobuja wanyu shetani,ibitambo mwatanze ko abahutu ni vyinshi,rero reka kwibuka shobuja wanyu ,twebwe ntitumukorera mwebwe yarabahunze yasanze mumsumvya ububisha ica yikurira meza nico gituma ubu mwese mugwaye ibisazi amaraso y’abana b’imana mwanyoye ariko arabahumira,ntimukimenya qoui inventer pour nous donner en sacrifice ariko ubu ntituzovyemera muriko musubiranamwo entre vous,les manifestants muriko muricana mupfa uduhera pancrace yanduza i bulaya,mukicana ku ma barrières ngo ni police yabishe,ariko ugende ubaze murihenda ,ntawukivyemera ubu harageze aho mutanga sacrifice mu batutsi banyu nyene plus jamais mu bahutu,urya mwaturiye mw’i pine yatubereye incungu imana imuhe iruhuko ridashira,kandi mwaturiye uwo kwa gwasa yidandariza utugi n’utuyobe,mwaravumwe!!!

  • Yesu ashimw cane ncuti zanj zabarundi nabandi Bose bakwirikiranira hafi ivyigihugu c’Uburundi ndaj ndimushasha many inzira yamahoro itigera isamburwa numuntu numwe abandika nimwakire Yesu Christ ababere umwami numukiza mubugingo bwanyu kuko uwomwami atanga amahoro mumitima yacu,mungo zacu,mugihugu cacu ntahandi amahoro azozanana.umva ndabibire akabanga intambara yaba christo iyariyo ijambo ry’Imana ritubwirako abotunigana atarabinyama namaraso ariko tunigana nabakuri nbafise ububasha nabaganza iyisi yumwiza nimpwemumbi zahantu homw’ijuru ngiyo intambara dukwiy kurwana baba abari muri leta mbaba abatayishigikiye .imana yacu ninzizacan yaciy iduha ibirwanishwa vyokurwanusha navy nibi ukuri,ukugororoka,ubutumwa bwiza bwamahoro ,ukwizera,agakiza hamw n’ijambo ry’Imana.rero ncutiyanj wiyubare muntambara zose urimwo umurwanizi satani ntazohave aguhenda ngo urimuntambara y’Imana kuko ntirwanirirwa irirwanirira imana yakuremy niyo yashizeho igihugu cuburundi uko ikuzigama niko izigama nigihugu rero nobahamagarira gusenga cane kugirango ntidutsindw na satani mukudukoresha ivyo tutokoze .kubwivyo twambar vyabirwanisho munkomezi z’Imana tuzotsinda amen

  • ko ari gikoko yari kurek bakajay bakabamesa

  • Abo Nabari Kubutegetsi Bariko Bakora Kugira Barabe Aho Bakura Abari Mu Myiyerekano Yo Kwiyamiriza Ikiringo Ca 3 Cumukuru Wigihugu

  • Muireke gutukana mwa bana b’Imana mwe !none uko gutukana niko kuzobageza ku mahoro aramvye ga ntu ! nukuri nimugeze aho kuko muriko murisamburirako nkimpene, murabe u Rwanda ko rutari mu mahoro asesuye ! mwebwe ntimubona ko tubaha akarorero keza ! mugafate namwe mureke kwisamburirako basha nukuri, abasenga muje hamwe musengere igihugu canyu, Imana izane inyishu ku ngorane zose mufise ariko mureke izo mvugo zitabahesha agaciro, kuko murabizi muvyanka mubikunda mutegerezwa kubana nta wandya wangura vous etes obliges de cohabiter uko biri kose mwese muri abarundi kandi igihugu nicanyu, nkuwo avuga ngo bamwe baje basanga abandi aho, birashoboka nta histoire nzi neza ariko icyo nkubwiye cyo muvandimwe nuko mwese muri abarundi kandi mugomba kubana vyanka bikunda, ivyo rero vyo guhangana no kuja mumpaka za zana tugwane mwese muriko murisubiza mwihumbi kandi muri bamwe. reka mwibagire histoire passee ariko murabe imbere kugirango nababakomokako bazobane mu mahoro. murakoze murakagira amahoro yImana. natwe turiko turabasengera cane.

  • barundi nimumenye yukwivyavuzwe bitegerezwa gushika farawo yansekurekura ihangaryimana haterivyago nuburundi niko bigiye kumera bwira petero arekure igihugu ahandiho ibigiye kuharwa sibike ariko haragoweuwo muntu aterivyago mugihugu kuko azobibazwa nuwiteka.Nne ahontabona koharibiriko birapfakubwiwe nnentiyorekura ,yibukeko atarusha kumenyekana nka farawo ariko yaramukuyeho .Rekabigende nku kwimana yabigabiye ntakundi ariko amemyekwazobibazwa.

  • Aaahaaa!mushaka gushika mugisagara?umutima wigihugu?murapfuye,kandi urupfu ruzohera kuri mwebwe,non ko muri beshi muzokwandikwa heh mumateka yigihugu?bene wacu reka guhendwa,abo babigisha kuja mumabarabara hari abana babo muri kumwe cank bonyene naho boba baza mumarana umwanya ungana iki?non muzoca ubwenge ryari?ayo mahera bonona ntiboyakoresha ibikogwa vyiterambere cank aho kuduhamagarira muma barabara bakaza kutwigisha ntituze tumutore tutarinze kuja mumabarabara mbega abatari mwibarabara mwibaza kwarikubera tumwemera?ntitubashigikiye nagato bandanya ibikogwa abapfuye imana itabahamagaye baramaze,ni dutekane vyose tuzobimenyera mukazu kamatora,sivyo ga bene wacu?igihugu nicacu non murakenyeye twisamburireko nk,impene?oya. bene wacu mugira imyiyerekano mugihehe hariho inzira yoguhakana ico wanka sivyiza gukoresha inguvu baca umugani mukirundi ngo:INAMA isumba INGIMBA.vyari vyiza kwikingira ingwara aho kuyivuza.kirazira gutsindwa udakinye,kudashika kuri terrain biha inguvu urya muhiganwa.IBANGA MUNDA.

  • Iryo Nirementanya Kuko Uwo Ntari Mubayitumyeko Atware Atamena

  • IMANA IZODUFASHA IZINGORANEZA PORTIKE ZIZOHERA

  • Esebakumvikanye bibagiwe ibyabaye murwanda nababwiriki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.