IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagiriza abaporisi ko babononeye ipikipiki canke umuduga basabwa kwitura (...)

Abagiriza abaporisi ko babononeye ipikipiki canke umuduga basabwa kwitura ubutungane

jeudi 7 Myandagaro 2014

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Hermenegilde Harimenshi asaba abagendesha amapikipiki gukurikiza amategeko, kugira ntibame mu bihano vy’ugutanga amahadabu.

Ivyo umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Hermenegilde Harimenshi akaba yabivuze mu gihe yaba abagendesha amakinga canke amapikipiki, bagirizwa kuba binjira mu gisagara hagati ca Bujumbura mu gihe ataburenganzira bafise, ndetse rimwe na rimwe bakanateza n’amasanganya. Abagendesha amakinga canke amapikipiki bakaba bavuga ko biyiba, mu gihe atakundi bari bugire ubukene bafise buzura inzara.

Harimenshi akaba abandanya avuga ko kubavuga y’ukohari abaporisi boba bakura ivyuma mu mapikipiki yafashwe bakaja kubidandaza, ko bokwitura ubutungane bakabatunganiriza. Avuga ivyo mu gihe we yemeza ko igiporisi c’Uburundi cubahiriza ibikoresha vya muntu uko baba babifashe, ababagiriza ko hari abonona imwe mu miduga canke amapikipiki ari ababambika ibara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.