Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro barahira kuri uwu wa (...)
Abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro barahira kuri uwu wa gatanu
jeudi 22 Gitugutu 2015, par
Amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi (CNDI : Commission Nationale de Dialogue Interburundais) barahira kuri uwu wa gatanu.
Abo baheruka kugenwa kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/46 kugira bazoyobore ibiganiro bizohuza abarundi barahira imbere y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu ntara ya Gitega.
Uwo murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi ugizwe n’abantu cumi na batanu, abagabo cumi hamwe n’abagore batanu.
Umukuru w’uwo murwi ni Musenyeri Justin NZOYISABA
- Musenyeri Justin NZOYISABA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi
Icegera : François NKEZABAHIZI
Umunyamabanga : Imelde SABUSHIMIKE
Abandi bagize umurwi ni : Félicien NDUWUBURUNDI (yahora ari umukuru w’abashingamateka ba CNDD FDD), Gérard NDUWAYO, Patiri Pascal NIYONKURU, Jacques Ya’coub NAHAYO, Ir Déograsias NAHUMUREMYI, Anitha Zamda IRAKOZE, Jeanne NDIMUBANDI, Eric NIRAGIRA, Aimable BARANDAGIYE, Colonel Rémy SINKAZI, OPC1 Carine Jeannette NZEYIMANA hamwe na Chantal GIRUKWISHAKA.
IGIHE
Messages
26 Gitugutu 2015, 18:09, par MANIRAKIZA CHACHA lenad
TUMUSIFU YES KIRISIT IMANA ISHIMW WASARA MWAREKO NUKUR IBIGANIR BIZANA AMAHOR NATWE TURI MUBUHUNGIRO TUCA TUGIR ICIZER