IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro barahira kuri uwu wa (...)

Abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro barahira kuri uwu wa gatanu

jeudi 22 Gitugutu 2015, par egide

Amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi (CNDI : Commission Nationale de Dialogue Interburundais) barahira kuri uwu wa gatanu.

Abo baheruka kugenwa kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/46 kugira bazoyobore ibiganiro bizohuza abarundi barahira imbere y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu ntara ya Gitega.

Uwo murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi ugizwe n’abantu cumi na batanu, abagabo cumi hamwe n’abagore batanu.

Umukuru w’uwo murwi ni Musenyeri Justin NZOYISABA

JPEG - 79.5 ko
Musenyeri Justin NZOYISABA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi

Icegera : François NKEZABAHIZI

Umunyamabanga : Imelde SABUSHIMIKE

Abandi bagize umurwi ni : Félicien NDUWUBURUNDI (yahora ari umukuru w’abashingamateka ba CNDD FDD), Gérard NDUWAYO, Patiri Pascal NIYONKURU, Jacques Ya’coub NAHAYO, Ir Déograsias NAHUMUREMYI, Anitha Zamda IRAKOZE, Jeanne NDIMUBANDI, Eric NIRAGIRA, Aimable BARANDAGIYE, Colonel Rémy SINKAZI, OPC1 Carine Jeannette NZEYIMANA hamwe na Chantal GIRUKWISHAKA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.