Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abagore benshi barwaye kubera kwambara ibirato bihagaze
 Abagore benshi barwaye kubera kwambara  ibirato bihagaze
 Abagore benshi barwaye kubera kwambara  ibirato bihagaze
				
				vendredi 7 Ruheshi 2013
Ibirato bihagaze biratuma umuntu aberwa kandi ugasanga umuntu atambuka neza.
Turabizi ibirato bifise amataro manini ntivyoroshe nk’uko umuntu yokwiyambarira nka vya birato vy ’abantu binonora imitsi.
Icigwa rero giherutse kwerekana ko abakenyezi 90 kwí’jana barwaye ibirenge bivuye kuri ivyo birato bihagaze bambara, nakare ugushaza ni ugushinyiriza.
Ibirato bifise itaro rirerire n’ivyo vyerekana cane ko umuntu ari umukobwa bibatandukanya n ’abahungu. Ariko igitangaje ni uko tubona ukuntu bitoroshe kwambara  n ’ukuntu mbere bitanabangutse, ahubwo turemera n’ukuri abantu bama bavyambaye imisi yose.
Icigwa co mu Bwongereza aho ivyavuye muri ico cirwa vyatangajwe muri Daily nico cerekana ko abakenyezi bashobora kuba bahakura indwara muri uko kwambara ibirato birebire ngo gusa bagomba gushaza. ikiringo c’ísaha n’iminota 26 n’amasegonda 48 n’iwo mwanya umuntu ashobora kwambara ikirato ataratangura kwumva asha. Ku bantu 20 kw íjana babajijwe kuri abo bambaye ivyo birato birebire, ngo boba bishika haheze iminota 10n gusa umuntu acambaye.
Ku gice kimwe kuri bine vy’abantu babajijwe bavuga ko boba bama baca bakura ibirato vyabo iyo hageze gutamba, batamba atabirato bambaye ahandi naho igice 1 kuri 3 c ‘abagore aho baca babikura iyo hageze ko bataha muhira. Kenshi mbere abakenyezi benshi boba bagenda batwaye twaturato twohasi twita ballerine  mu masakoshi yabo.
Ico cigwa kikaba cagizwe ku bongereza bashika 2000, abakenyezi 20  kw íjana muri abo bakaba  bavuzeko batigeze bafata ivyo bintu nka nkama niyo bumvise babaye baca bavyihoza.
Ariko rero kwambara ibirato birebire birafise ingaruka mbi nyinshi. Iciza rero cari uko umuntu yokwirinda kwambara ibirato birebire cane ariko rero ivyo tubona siko biri.kuko ubu no kuva ku myaka 14 kuduga usanga bambaye ivyo birato.
Floxella Karire
