IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaherutse gushirwa muri Reta barahijwe

Abaherutse gushirwa muri Reta barahijwe

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Bamwe ndwi baherutse kugenwa ngo baje muri Reta, kuri uyu wa 7 Ruhuhuma imbere y’umutaga niho barahira imbere y’umukuru w’igihugu, hariya mu ngoro y’Inama Nshingamateka mu Kigobe.

Abo nabo ni Jean Claude Ndihokubwayo yagenywe ngo abe umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine, Dr Joseph Butore umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Dr Rose Gahiru umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, Leokadiya Nihazi umushikiranganji wo gutumatumanako, kumenyesha amakuru n’imigenderanire hagati ya Reta n’Inama Nshingamateka, Jean Claude Nduwayo umushikiranganji w’ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara, Deograsiyasi Rurimunzu umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta na Dr Adolphe Rukenkanya umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama.

Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye u Burundi, ivyegera vy’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka, abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, hamwe na bakuru bakuru mu butungane, mu gisirikare no mu gipolisi.

Ivyo birori vyasozerewe n’agafoto kubagize Reta bose.

JPEG - 87.1 ko

Foto:iwacu-burundi


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.