Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abahinga baratoye igihe imbeba y’intungano yobaho
 Abahinga baratoye igihe  imbeba y’intungano yobaho
 Abahinga baratoye igihe  imbeba y’intungano yobaho
				
				dimanche 5 Rusama 2013
Kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2013, abashakashatsi bo mu gihugu ca  Leta zunze ubumwe za Amerika  baherutse  gutora igihe imbeba y’intungano  yoshobora kumara mu mibereho yayo, mu gihe ubuzima bw’imbeba bwoshobora kuba burebure canke bukagirwa bugufi na nya bashakashatsi.
Abigisha bo muri kaminuza yigisha ivy’ubuvuzi harimwo Albert Einstein bakaba baratoye uburyo bwo kuraba igihe imbeba yoshobora kumara ibaho aha kw’isi, ivyo vyose bikaba vyakorewe mu kigo kijejwe ivy’ubuhakashatsi aho muri iyo kaminuza.
Kuva rero ubwo bushakashatsi bukozwe, ubu umuntu ashobora kugura imbeba y’intungano mu gihe yayimenye igihe imaze, ni ukuvuga nto canke iyikuze. iyo ushatse mu bwoko ubwaribwo bwose bw’ imbeba uraheza ukabisaba abajejwe kuziha ubuzima.
Iyo rero abo bahinga bashatse imbeba bivanye n’ubwoko mfasha mubiri bipfuza kuyironkamwo, baraheza bagahagarika ubwoko mfashamubiri bwitwa NF-KB, ubwo rero buhagaze, imbeba ica ibaho iminsi 1100 gusa ugereranije n’iminsi 600 gushika ku 1000 imbeba y’intungano imara mu gihe gisanzwe.
Ubwo buhinga rero ngo bwarateye intambwe iboneka kuko imbeba nyinshi zikwiza iyo minsi ziba zahawe n’abashakashatsi iyo zitagize ingorane ngo zipfe kare kubera ziba zarwaye indwara z’imitsi.
Iyo mfashamubiri NF-KB irafise ingaruka kuko imitsi y’iyo mbeba ica ikomera , ibihimba vy’irondoka navyo bigaca bikora neza kuko ibihimba bikora imbuto bica vyoroherwa cane.
Abantu baribaza namba ubwo buhinga bushasha buzoshobora no gukorwa ku bantu kuko ubwo buhinga buriko burakorwa ku mbeba bwateye imbere. Ariko rero ku bijanye n’ubwo buhinga ku bantu, ngo ntivyoroshe , ariko kandi ngo boshobora kwisunga indwara zikunda guhitana abantu mu gihe c’ubusaza nk’indwara z’umutima n’izindi.
Ivyo rero vyotuma abahinga babikorerako mu gutegura igihe abantu nabo boshobora kumara.
Aristide Nizigire

Messages
16 Myandagaro 2016, 09:10, par ÀDEB.YOR
IYIMBEB,NIYUBWOK.BUMEZ,GUT?