IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahora bakorera ikigo IRAZ baridoga ko amafaranga yo kubatekerera (...)

Abahora bakorera ikigo IRAZ baridoga ko amafaranga yo kubatekerera yanyurujwe

mercredi 23 Nzero 2013

Abahora bakorera ikigo IRAZ gikora ubushakashatsi mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi,bavuga ko umuyobozi mukuru wa IRAZ yoba yarasangiye n’abo basangiye kurongora ico kigo amafaranga yari yagenewe gutekerera abakozi birukanywe haraheze amezi 7.

Ayo mafaranga ngo arenga imiriyoni 228 z’amafaranga y’amarundi akaba yari yagenewe gutekerera abakozi bangana ibice 50 kw’ijana vyo abakozi basanzwe bakorayo.

Nkuko Hermenegilde Harerimana ari muri abo bakozi birukanywe yabimenyesheje,ngo asanzwe agwaye akaba atakazi afise kandi akaba ata buryo afise.Abandanya amenyesha ko yarindiriye ayo mafaranga kuva kera ariko ko ubuyobozi bw’ico kigo bwahisemwo kuyikoreshereza mu gihe bobo bakironka umushahara.Ngo akaba rero adatahura igituma birukana abakozi bitangiye ikigo gushika n’aho babankira ivyo amategeko abarekurira.

Ako kamo rero k’umubabaro ntigaterwa gusa na Hermenegilde yakoreye ico kigo igihe kingana n’imyaka 28,ariko n’abandi bakozi nabo nyene ubu bari mw’ibarabara bavuga gutyo kuko bafise amadeni bari barafashe mu mabanki ugashirako n’ivyo bakenera ku munsi u munsi.

Abo bakozi birukanywe bavuga ko ivyo bavuga ubuyobozi butabiha agaciro,bakongerako kandi ko habaye kurenga amategeko mu gutora abakurwa mu kazi.Hermenegilde Harerimana wewe avuga ko atangazwa n’ukuntu imyaka 28 yari yakoreye ico kigo yagabanijwe igashika ku myaka itatu.

Tubamenyeshe ko ikigo IRAZ gisanzwe kiri i Mashitsi,mu ntara ya Gitega.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.