IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahora bashika i Bujumbura kurondera impapuro bagiye kworoherezwa

Abahora bashika i Bujumbura kurondera impapuro bagiye kworoherezwa

vendredi 25 Gitugutu 2013

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bwarateguye uruganda rwo kumenyesha umugambi w’igihugu werekeye gutunganya impinduka mu gisata c’ubuzi bwa Reta, urwo ruganda rukaba rwabereye mu ntara ya Karusi.

Ni umugambi ufise intumbero yo guteza imbere ubuzi bwa Reta hamwe no kwegereza ibisata bimwe bimwe usanga bikenerwa cane n’abanyagihugu, haba mu kubaronsa ibipapuro bimwe bimwe usanga ata handi bitangirwa atari i Bujumbura.
Umushikiranganji w’akazi ka Reta, Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko imbere y’uko umwaka uhera, ubushikiranganji arongoye buzoraba ukuntu hobaho ibiro mu ntara 5 ziserukira kugira borohereze abanyagihugu mu kuronka impapuro kenshi usanga zitangirwa i Bujumbura gusa, nk’irupapuro rw’inzira, urupapuro rwerekana ko udakurikiranwa n’ubutungane (extrait du casier juduciaire), hamwe n’urupapuro rutanga uburenganzira bwo gutwara imodoka (permis de conduire). Izo ntara zizoserukira izindi akaba ari Gitega, Mwaro, Ngozi, Bururi na Muyinga.

JPEG - 41.8 ko
Annonciate Sendazirasa, umushikiranganji w’akazi ka Reta

Buramatari wa Karusi ari naho habereye urwo ruganda arashima cane uwo mugambi kuko uje hageze narirya intara ya Karusi bibagora kuronka ivyo bipapuro, kuko intara yabo isanzwe iri ku birometero 150 uva mu ntara ya Bujumbura.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro uwo mugambi, kuri uno musi wa gatanu bikaba bitegekanijwe guterwako igikumu ku masezerano y’umwumvikano hagati y’inzego zose zitanga ivyo bipapuro, aho ba buramatari b’intara 12 zindi zisigaye bari batumiwe. Uwo mugambi wo gushira mu ngiro impinduka mu kazi uteguwe ku myaka itanu ukaba uzotwara amafaranga agera ku miriyaridi 15 z’amafranga y’amarundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.