IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abahutu n’abatutsi binjira mu gisirikare ku rugero rungana-colonel (...)

Abahutu n’abatutsi binjira mu gisirikare ku rugero rungana-colonel Baratuza

jeudi 13 Kigarama 2012

Igisirikare c’u Burunndi kirahumuriza ko kiriko kirakurikiza amategeko n’amasezerano y’i Arusha mu kwinjiza abasirikare bashasha b’ibisongerezi. Ni mugihe abanyepolitike bamwe bamwe bavuga ko ukungana ku bice 50 kuri 50 kw’ijana ku bahutu n’abatutsi bitariko birakurikizwa.

Ukwinjiza abasirikare bashasha ku rwego rw’ibisongerezi ‘’les sous-offiers’’ caratanguye haraheze indwi yose. Abavyifuza n’ukuvuga abanyeshure bahejeje igice ca mbere c’amashure yisumbuye canke abarenza urwo rugero bavyifuza bariko bariyandikisha mu ntara z’igihugu. Baba bakwije n’ibindi igisirikare gisaba biri ku rutonde.

Kuva mu mwaka w’2003 imigwi yagwanya ishize ibirwanisho hasi igahagarika intambara, haciye hatangura gukoreshwa amasezerano ya Arusha mu nzego z’umutekano igipolisi n’igisirikare. Ayo masezerano avuga ko mu kwinijza abasirikare bashasha mu nzego zose, abatutsi bategerezwa kungana n’abahutu ku bice 50 kw’ijana. Hakisungwa rero n’ibice 30 kw’ijana vy’abakenyezi ariko naho nyene hakubahirizwa ibitigiri vy’abahutu n’abatutsi.

Ayo masezerano yaje mu ntumbero yo gukura ukwinubana mu banyagihugu n’inzego z’umutekano. Reta z’imbere y’intambara gushika mu mwaka w’2005 zagirizwa ko zishingiye ku gisirikare c’ubwoko bumwe. Nk’ako, kuva mu myaka y’1965, igisirikare cari kirimwo abatutsi ku bice hafi 90 kw’ijana. Abahutu bakavuga ko batizeye izo nzego z’umutekano z’ubwoko bumwe.

Kuva mu mwaka w’2004, igisoda ca Reta caracanzwe n’abavuye mw’ishamba basubije hasi ibirwanisho. Abahutu baronka ibice 50 kw’ijana abatutsi gutyo nyene mu gipolisi n’igisirikare, abasigaye baciye basubizwa mu buzima busanzwe.

Muri kino gihe, hariko haraba ukwiyandikisha ku bashaka kwinjira mu gisirikare. Ariko, abanyepolitike batari bake bavuga ko amasezerano ya Arusha atariko arakurikizwa. Umugwi w’abadasigana wishinze kunagura umugambwe UPRONA witwa ‘’Courant de Rehabilitation’’ ntushima ingene ico gikorwa kiriko kirarangurwa. Uwo mugwi usaba ko imbere yo kwinjiza abasirikare bashasha,inama nkenguzamateka iraba iyubahirizwa ry’inzego, yobanza ikagira amatohoza y’ibiharuro yerekana ingene muri kino gihe abasirikare bangana. Ikaraba ko ubwoko bwose abahutu n’abatutsi bagiserukiwe ku bice 50 kw’ijana, hanyuma ikanasubiriza hakurikijwe ubwoko abasirikare bakukurutse mu kazi kubera imyaka.

Tacien Sibomana avugira uwo mugwi w’abadasigana b’umugambwe UPRONA abona ko atari uko bikozwe, amasezerano ya Arusha atazoba ariko arakurikizwa. Avuga ko mu gisirikare hasigaye abatutsi bakeya kuko abakukuruka bose ari abatutsi bakwije imyaka. Ubu ngo ibice vy’abatutsi bishobora kuba biri ku rugero rwa 40 kw’ijana kuri 60 kw’ijana vy’abahutu.

Igisirikare c’u Burundi kirahumuriza ko amasezerano ya Arusha riko arakurikizwa. Colonel Gaspard Baratuza umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko hariho umugwi washinzwe mu gisirikare kugira ukurikirane neza ico kibazo kuko ngo ni nkoramutima.
Avuga kandi ibwirizwa nshingiro ry’igihugu rizokwisungwa hamwe n’ayandi mategeko agenga igihugu. Ngo Reta ntishobora gukora amakosa nk’ayo ashobora gusubiza igihugu mu ntambara. Umugwi washinzwe nawo nyene ngo urimwo abasirikare b’indyamunyu babushitse kandi bava mu bwoko bwose, badashobora guhengama.

Asaba abanyepolitike kureka gushira mu vya politike igisirikare kuko gikingira abantu bose kitaravye ubwoko, akazi, intara,amadini n’ibindi. Uwoba afise akamubakiye, Colonel Bataruza amuhamagarira kwitura inzego zibijejwe mu gisirikare kugira aronke inyishu itomoye.

Colonel Baratuza asaba abavyifuza bose kwinjira kuja kwiyandikisha ata gutinya kuko ibintu vyose vyategekanijwe kugira ico gikorwa kigende neza.

Kw’ifoto :Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.