IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakeneye kubonana bazotangura kwakirwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire

Abakeneye kubonana bazotangura kwakirwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire

lundi 21 Nyakanga 2015

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko imirwi itandukanye izoza ivuye hanze,canke abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu bazoba bakenyeye kubonana n’abategetsi bakuru mu gihugu bazokwakirwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015, iyo ngingo ntiraba abakuru b’ibihugu canke abakuru b’amareta.

Muri iryo tangazo ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko abakuru b’ibihugu canke b’amareta bazoba bazaniye ubutumwa umukuru w’igihugu,bazobanza kwakirwa n’umushikiranganji w’imigenmderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,imbere y’uko bashikana ubutumwa ku mukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.