IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka bariko bararonswa inyigisho

Abakenguzamateka bariko bararonswa inyigisho

mardi 27 Myandagaro 2013

Mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro ibereye no gukurikiranira hafi ibikorwa vya Leta, ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) bwateguriye kuri uyu wa kabiri inyigisho ku bakenguzamateka. Izo nyigisho zizomara imisi ibiri, uno munsi hamwe n’umunsi w’ejo.

Intumbero y’izo nyigisho n’ugukarihiriza ubwenge abakenguzamateka kubijanye n’ukwongereza ubushobozi n’ukwakira ubumenyi nkenerwa buzobafasha mu mirimo yabo ya misi yose.

Mw’ijambo ryiwe, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka, Persille Mwidogo yabanje gushimira BNUB ku kigoro bagira mu gufasha Leta. Yibukije kandi abakenguzamateka intumbero y’izo nyigisho n’akamaro kazo.Yabamenyesheje ko izo nyigisho zifise intumbero yo kubongereza inguvu mu gukurikiranira hafi ibikorwa vya Leta, kuronswa ubumenyi mu buhinga kugira bashobore kurangura akazi kabo ka minsi yose neza bongere bashobore gukurikiranira hafi imigambi ya Leta. Inyuma y’ivyo, yaciye abibutsa ivyo bokora kugira bashobore gushika kuri ico gikorwa, muri ivyo naho hakaba harimwo nk’ibibazo vyanditswe canke bivuzwe ku munwa bibazwa abagize Leta, gushinga imirwi yo gutohoza hamwe n’imirwi idasanzwe inama nkenguzamateka yishimikiza mu matohoza ku bijanye n’ibibazo bihanze igihugu.

Yarangije abibutsa ko inyuma y’izo nyigisho, umwe wese azobona neza ico yokora mu gukurikiranira hafi ibikorwa vya Leta.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.