Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi barenga 1400 nibo bitura ikigo Seruka ku mwaka
 Abakenyezi barenga 1400 nibo bitura ikigo Seruka ku mwaka
 Abakenyezi barenga 1400 nibo bitura ikigo Seruka ku mwaka
				
				jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakunga wahariwe kurwanya ambi akorerwa abakenyezi,ikigo seruka carashize ahabon ibitigiri vy’ababitura buri mwaka.
Ku munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorerwa abakobwa n’abakenyezi, Josiane Karirenga umuhuza bikorwa wa centre Seruka yamenyesheje kuri uyu munsi ko abantu barenga 1400 b’igitsina gore aribo baje kubitura muri ico kigo kubw’amabi bakorerwa.
Josiane Karirengera aramenyesha kandi ko mw’isi yose abantu bagera k’umuliyaridi aribo bakorerwa amabi y’ubwoko bwose. Nico gituma ari ngomba gusaba ihagarikwa ry’ibibi nk’ivyo.
Grace Irimbere
