Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abakoresha bakunzwe cane kw’isi
 Abakoresha bakunzwe cane kw’isi
 Abakoresha bakunzwe cane kw’isi
				
				jeudi 21 Ntwarante 2013
Uwashinze Facebook,Mariko zuckerberg, kubwo abakozi biwe ngo ni umukoresha wa 1 kw’isi akunzwe.Ivyo bikaba biva mu rutonde bagize bw’abantu 50 b’abayobozi bakundwa cane,urwo rutonde rwagizwe n’umuhora w’abanyamerika Glassdoor.com.
Kuri uwo muhora ,abakozi barashobora gutanga amanota ku mashirahamwe yabo,ndetse no ku bakoresha babo.ku bakozi bashika ibice 99 kw’ijana vy’ababakozi ba facebook babikoze bari bemeranije ukuntu abakoresha babo bakora , urwo rutonde rukaba rwashira ‘’zuck’’hejuru .
Mu kibanza ca 2 hari abantu 2 McDermott hamwe na Hagemann de SAP nabo bari bafise amanota ashika ibice 99 kw’ijana.Uwa 3 ni Dominic Barton,umugabo akomeye Ernst hamwe na young yaronse amanota 97 kw’ijana.
Umugore wa  1 kuri urwo rutonde ni Sharen turney wa Victoria’s secret,iri mu kibanza ca 42.Mu mwaka uheze ,urwo rutonde rwa Glassdoor ,rukaba rwari rwagizwe na CEO  D’Apple Tim cook,ariko ubu akaba yagiye mu kibanza ca 18.Ariko ibice 93 kw’ijana b’abakozi 1900 ba Apple bishuye urutonde rw’ ibibazo bari banezerejwe n’ababatwara.
Imyaka iheze ntiyoroheye zuckberg.Yabonetse nkuko ari ikimuga mu buryo bwo kubana kuko yishira hejuru cane muri film ‘’the social Network hamwe n’ishirahamwe ryiwe ryabaye ikororwa rikomeye.
BIratangaje rero ingene ivyo bintu vyose bitamukozeko kandi bitanamubujije kuja mu kibanza ca 1 ku rutonde rwa Glassdoor.Ariko abandi bayobozi baronse ababatora benshi , hari abakozi ba facebook 442 batoye Zuckerberg.Ikibazo ni ico kumenya ukuntu iryo tohoza ryo kuri glassdoor ryaserukiwe.
Floxella Karire
