IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abakoresha ipikipiki zo mu bwoko bwa Bajaj bahawe gukora gushika isaha imwe (...)

Abakoresha ipikipiki zo mu bwoko bwa Bajaj bahawe gukora gushika isaha imwe y’ijoro

dimanche 20 Nyakanga 2015

Umuyobozi w’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara Alfred Innocent Museremu asaba abagendesha amapikipiki y’amapine atatu (Bajaj) guhagarika akazi isaha imwe y’ijoro.

Alfred Innocent Museremu amenyesha ko haheze iminsi hibonekeza ko abagizi ba nabi baba bariko bagendera muri izo pikipiki zo mu bwoko bwa Bajaj canke kw’ipikipiki zisanzwe.

Umuyobozi w’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara yibutsa ko ipikipiki zisanzwe nazo ziheza gukora igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba.

Mu gihe abagendesha ipikipiki zo mu bwoko bwa Bajaj bahawe isaha imwe y’ijoro,izisanzwe nazo isaha icumi na zibiri,Alfred Innocent Museremu avuga ko uwuzorenga kuri izo ngingo azofatwa nk’umwansi w’igihugu kandi ibihano bikomeye bitegekanijwe,harimwo gupfunga icuma amezi atandatu n’ibindi bihano.

Mwomenya ko ipikipiki zo mu bwoko bwa Bajaj zahorana uburenganzira bwo gukora amasha 24 kuri 24.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ahubwo nimupfume muvugako hari couvre feu kuva izosaha! noneko mwama muvugako amahoro n’umutekano biriho mubuza abantu gutembera kubera iki? udafise imodoka yiwe canke ngo aronke aya taxi voiture azoca akora gute ko muziko ama bus adashika kure nkizo bajaj cank moto?

  • muvugako hariho amahoro 100kwi100 nne nibiki?nikuvrife??.nukuri ayomadayanyu mushirimbere nigorane gusa kuri bene gihugu

  • Azofatwa nk’umwansi w’igihugu????!!! emwe ibintu biragoye kabisa.
    Nn hazogera ryari ngo abakora taxi moto bungukire muri urwo rudandazwa atangorane?!! kuva tax moto zitangura gukora ntanarimwe zigera zoroherezwa!??niyo zifunzwe ziravayo kuko rimwe rimwe baba bashaka ibiturire!??nn taxi voiture zahagarotsw!!?canke bakenyuye ngo baronk versement narirya ataco bari bakironkana tuktuk!!!NI KUBERA IKI NONE IWACU GUSA MURI EAC ariho akazi ka taxi moto katoroherezwa!??
    Nibaza ikibazo kiri ahandi KUKO TUKTUK YUNGUKA KUBERA YAKOZE MW’IJORO

  • Hakwiye kuronderwa umuti urama kandi uramba wovura imitima y’abarundi ba none, ubundi bwo ntakabi kamapikipiki uko asa canke angana kwose.

  • mu kirundi ciza bisigura saa moya y ijoro mwese mujyame kuko amahoro ahari 100%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.