IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakukuruke mugisirikare no mugipolisi bagize imyiyerekano imbere y’ibiro (...)

Abakukuruke mugisirikare no mugipolisi bagize imyiyerekano imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Mu mpera z’ino ndwi harabaye imyiyerekano ikomeye y’abakukuruke mu gisirikare, igipolisi hamwe n’abahoze kurugamba basubijwe mubuzima busanzwe mugihe basubiramwo inzego nshasha z’igisirikare n’igipoplisi mu mwaka w’2005.

Abo bakukuruke bari baherekejwe nabapfakazi n’abavyeyi b’abahoze bari muri izo nzego. Iyo myiyerekano bayigiriye kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira mbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu ariko cane cane bakaba berekera ku biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 35.8 ko

Abo biyerekana bakaba bagiriza urwo rwego ko arirwo rwazibiye imfashanyo Reta zunze ubumwe za amerika zari zabahaye ingana n’imilioni 128 z’amadollari.

Umuvugizi w’abo bantu bose akaba anarongoye ishirahamwe ry’abahoze ari intwaramiheto Karori Katihabwa yabwiye abamenyeshamakuru ko afise ivyemeza vyose ko ayo mafaranga yahazibiriwe mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu .

Umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu umupfasoni Catherine Mabobori yamenyesheje ko ibiro vy’icegera cambere c’umukuru w’igihugu bitigera vyivanga n’ivyamashirahamwe n’abayafasha ati ivyo biraba ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mugihugu bo n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu

foto: Iwacu-burundi


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.