IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ABUCO : Abakunzi b’ibitumbura n’imikate bohagabira

ABUCO : Abakunzi b’ibitumbura n’imikate bohagabira

jeudi 19 Ruheshi 2014

Mw’ishirahamwe ABUCO baravunira akagohe abaguzi ku vyerekeye isukari isigaye ikoreshwa n’abadandaza bamwe bamwe mu bitumbura, imikate n’aya nzoga bita "karigasoke". Iyo sukari ikaba iteye amakenga abatari bake.

Nk’uko bishikirizwa na Noweli Nkurunziza arongoye ishirahamwe riharanira ineza y’abaguzi ABUCO, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko iyo sukari atawuramenya iyo iva ariko ikimaze kumenyekana n’uko itameze nk’iyindi sukari dusanzwe tumenyereye yaba iy’iva mw’ishirahamwe SOSUMO canke muri Malawi. Bamwe rero bavuga ko ari udutete abandi bakavuga ko ari agafu. Noweli Nkurunziza abandanya amenyesha ko iyo sukari bivugwa ko agafuniko kamwe gusa k’ifanta gashobora gukoreshwa mu biro 50 vy’ifu (Farine) yo gukora ibitumbura n’umukate.

Mw’ishirahamwe ry’abaguzi bakavuga ko bamenyesheje zimwe mu nzego zibijejwe, na cane cane ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro, kuko basanzwe bafise igisata kijejwe gupima ibintu vyose vyinjira mu gihugu, ariko bikaba bitaramenyekana aho iyo sukari iva n’ingaruka zayo.

Noweli Nkurunziza aravunira akagohe nabo bose bafungura imfungurwa zidandarizwa mw’ibarabara, nk’imikate, ibitumbura, inyama zo mu makopo, amafi, amaforomaje,n’ibindi, kuko bishobora kubagirira nabi mu gihe batazi igihe bimaze n’iyo vyakorewe.

JPEG - 1.1 Mo
Noweli Nkurunziza arongoye ishirahamwe riharanira ineza y’abaguzi ABUCO

Noweli Nkurunziza avuga ko bibabaje kubona ata rwego na rumwe ruriho rukingira abaguzi nk’uko biri mu bindi bihugu. Hategerezwa kuba abagenduzi bakaraba imfungurwa zataye igihe, imiti yataye igihe, ibidandazwa vyose vyinjira bikabanza gupimwa, bishoboka mbere hagashirwaho itegeko nyezina rikingira abaguzi "La loi spécifique à la protection du consommateur."

Mw’ishirahamwe ABUCO basaba abanyagihugu nabo bagize amakenga kubishikiriza iryo shirahamwe mu kwakura ku nimero idatwara amahera (numero vert) kuri 22273403. Umwanya hataraboneka umuco kuri iyo sukari ata n’umwe azi amamuko yayo, abanyagihugu basabwe guheba kugura ibitumbura biri ku mabararaba, baze barabigurira mu mazu y’ubudandaji azwi kugira umuguzi azoshobore kumenya uwo abaza mu gihe habaye ingorane. Reta n’ibisata vyayo (BBN : Bureau Burundais de Normalisation et de Contrôle de la Qualité), ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, abajejwe umutekano, bose basabwe gufatadikanya bagire amatohoza kugira bakingire abanyagihugu.

Mwomenya ko mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bamaze kwemera ko bagiye gutanguza amatohoza yo kumenya amamuko y’iyo sukari bivugwa ko iriko ikoreshwa mu kinyegero mu Burundi


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.