IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi bayoboke ba Zebiya 194 bahagaritswe

Abandi bayoboke ba Zebiya 194 bahagaritswe

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wa kane mw’ijoro, igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2013,abayoboke ba wa mwigeme Zebiya Ngendakumana barenga ijane na mirongo icenda na bane, basubiye guhagarikwa n’inzego z’umutekano , mu micungararo ya rukago nko ku birometero umunani vy’umusozi wa Businde- Nyagatovu, komine Gahombo Intara ya Kayanza.

Muri abo bahagaritswe baja i Businde, harimwo abakenyezi ijana na mirongo itatu na batatu, n’abagabo mirongo itandatu n’umwe ,bakaba bari baje bava muntara za Kayanza,Gitega,Muyinga,Bujumbura,Ngozi na Kirundo.

Parake ya repuburika mu ntara ya Kayanza, ikaba yaronse abacamanza baje bava Muntara ya Ngozi, kugira bafashanye kubacira imanza.

Bitanguye kwibonekeza ko abo bayoboke ba Zebiya batanguye kumva ivyo basabwe na Ekeleziya Gatorika be na Leta y’Uburundi ko ico kibanza ca Businde ca hagaritswe.Igitigiri c’ abajayo kikaba kiriko kiragabanuka cane.


Aristide Nizigire

Messages

  • nukuri nibabafate abo nabagumutsi bigihungu cacu mbega yemwe ntimubona ko ari umuhero wisi yesu ariwo bita yisa yaravuze ati igihe cumuhira nicaba habi yo kushika abantu beshi bazovuga ko ari intumwa zayo

  • Mbanje kubaramutsa,jewe icombona Zebiya najehamwe na EKREZIYA Katorika canke nimba yarivanguye naKATORIKA ashinge idiniryiwe,ariko yubahirize amategeko nkuko ayandi madini abikora.Hama agendere kumategeko ya Leta agenga abarundi bose.

  • uyo zebiya arahagaritse imitima y’abantu nukumusengera nimba akoreshwa na shetani arakwiye gusengegwa canke naho narindire bavyige barabe kovyemewe natekane rero imana izomwishurira nimba abonekegwa bizogaragara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.