IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi bayoboke ba Zebiya batawe muri yompi

Abandi bayoboke ba Zebiya batawe muri yompi

lundi 8 Ndamukiza 2013

Abandi bayoboke ba Zebiya bagera kuri mirongo indwi na babiri barahagaritswe n’igipolisi kuw’Imana igenekerezo ry’indwi Ndamukiza umwaka w’2013, mu mwanya bariko barasengera muhira kwa Jean Marie Hakizimana asanzwe nawe nyene ari mu bayoboke ba Zebiya.

Ivyo vyabereye ku musozi Kibungo, Komine Bugendana, intara ya Gitega. Inzego z’igipolisi zaragumanye indwi muribo, bakaba bazoshikirizwa ubutungane.

Mu rukurikirane rw’ikibazo ca Zebiya, tubibutse ko kuva inyuma yaho abo bayoboke baburijwe gusengera mu bibanza bitazwi n’amategeko, hamaze gufatwa no gucirwa urubanza miringo ibiri na babiri biyongora kuri abo ndwi bazoshikirizwa ubutungane


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.