IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 11 nibo bagandaguwe mu ndwi iheze

Abantu 11 nibo bagandaguwe mu ndwi iheze

lundi 16 Rusama 2016, par egide

Abantu 11 barishwe, abagera kuri 42 barakomereka, abarenga amajana atatu nabo batabwa muri yompi n’igiporisi mu ndwi twaraye dusozereye. Icegeranyo ca SOS TORTURE gisohoka ku ndwi ku ndwi kivuga ko amakomine ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura hamwe na komine Mugamba mu ntara ya Bururi arizo zabangamiwe muri ico kiringo c’indwi imwe.

Ico cegeranyo ca SOS TORTURE kivuga ko abafashwe benshi ari ababa muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Abandi bantu bagera kuri 42 barakomeretse mu bitero bitandukanye, ico cegeranyo kikaba gitunga agatoke abakozi b’igendereza hamwe n’abaporisi b’Uburundi ko bahohotera abanyagihugu bo muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, aho bakavuga nka Musaga, Nyakabiga, Jabe, Cibitoke, Mutakura, Ngagara na Buterere mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na komine Mugamba mu ntara ya Bururi, na Burambi mu ntara ya Rumonge.

Muri iyo ndwi iheze, abantu barenga amajana atatu nibo bahagaritswe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, benshi muribo bakaba bararekure, ariko icegeranyo ca SOS TORTURE kikaba kivuga abagera kuri 23 muri abo bafashwe baburiwe irengero.


IGIHE

Messages

  • Izi nkuru zanyu zuzuyemo ubugwari. Wagora ngo ibitekerezo byanyu ntibiva mumutwe ahubwo biva mubisusu. Igihe turabazi ko mukorera chef wanyu Kagame Rukarabankaba. Twarabahinyuye

  • None uvugako Iperereza canke igipolisi arico gitera grenades mu bunywero! Nimube muvuga ibifise insiguro zumvikana.

  • N ihatari none tuzogeza ryari kuburabacu

  • Ifu yi mijira nabado

  • wewe wiyise Bisogo ni byo uzi gusogota peeee...igihe ni kigera ibyo uvuga uzabyishura ntugire ngo naha bigarukira.
    Utuka umukuru w’igihugu ngo uruhuke iki ko iyo ntimba yawe uzayipfana !!!komeza wandike utukana niyo ndero wahawe ....aho gushaka amahoro ukokeza amahano ,uzabyishura byanga byakunda ,...aho uri hose si mu nda y’ikuzimu ni hano kw’isi hadatwikiriye uzi ko uzwi,ndagusabira kuruhuka mu mutwe utaraturikamo amaraso y’umujinya

  • Noneho karabaye ibibintu umuntu yavyanditse yobarumwanditsi wumurundi canke yobarumwanditsi akunda u Burundi n’abarundi!!!!!!!!??????
    Ndumiwe canke ndajorewe Satani koko ntiyigendera igira uwigendeyeko!!!
    Ayomahera murikomurakorera biciye mwakokazi muriko murakora kokutavuga ukwo ibintu bibavyagenze mugihugu canyu mumenyeko mubamuriko murarya umuriro, bantubimana mwenivyo bikorwavyanyu ababikozebose iherezoryabo ryabaye ribi cane mubindibihugu. Ndababwizukuri abaganga ayomahera kugira abanditsi bibinyoma nkamwe bashobore kubandanya bakora ubwanditsi bwubunyoma navuga kurekagushira ikintu mukibanza caco ukagikatisha ukagishira mukindikibazaa ababikozebose iherezo ryabo ryabayeribi bamwe babaha uburyo bwokugira nakomeze kurementanya biraramiye iterambere muvyabo rigakomeza guterimbere babundinabwo bahendeshamahera bukavuga ibidakwiye kuvuga, mugihe tukirindiriye urubanza rundi rwagakura rw’Uhora ugasanga bwiyagisha icara buvugango’ narigeze kubandunwanditsi/ umumenyeshamakuru mumyaka yaza:........

    Sinorangiza ntavuze ko bibabaje kubona abarundi namakungu kugera uyumusi barazineza kohariho abantu bakora nkivyihebe mwukwisha nogukoneretsa abobantu bapfa kandi turetsivyo hariho nabafatwa bakivugira ko bari burabobakora nkabihevyi none wewe urimuntugani canke iryotagazamakuru waryigihehe utangaza ibintu vyuzuyemwo ugwanko nokurementanya biteye isoni?
    Kubijanye nabafatwa kw’Isi yose iyohagize abantubicwa nkuku abobarundi bababatewemwo zagrenadi abajejwe umutekano baragira abobafata vyasebikunze kandi kubafata bibabirimwo vyishi nkamatohoza murirusangi nicogituma nkukowabivuze nkabore mubababafashwe ugiraguti ugasanga bitahiye kuko abaramatohoza babakorako kandi niwabona umuntu yakozweko amatohoza ivyakubwiye yababwiye ntuzovyemere kuko ntashobora kubikubwiraneza kuko abeshi ntibiheza ngobibanezereze abeshi bakunzekuvuga hanze ko bavuze kwatanakimwe babonye kandi bauzeko babonye kanaka afise grenadi nabantuzeya.

    Birababaje rero kubona uyumwanditsi acavugango aba polisi ngobatwaye abantu ngobaburirwa irengero!!!
    Uyumwanditsi ndamukurikiranye igihekikini ntanahamwe wobona ababazwa nabatera ama gerenadi mubantu ariko ikimuryohera nukuvuga nabapfuye
    Urazomukurikirana neza iyo atarose umuntu yapfuye mu Burundi acarondeza hanze yu Burundi aharumuntu yapfuye yishwe nka Kenya ariko mu Rwanda ntageza kuvuga ivyaho.
    Munkurikirane neza, narigeze mwimva ahoyandika avuga ngo: Umukuru wigihugu Petero Nkurunziza yifatanije nabanyagihugu muntara kanaka mubikorwa rusangi?
    Akonakarorero keza kakwereka ko arikinyamakuru kirwanya reta bitandukanye nitokucita ikinyamakuru cabose. Ikinyamakuru cabose kimezegute: nikinyamakuru kivuga ibirabana na reta vyiza canke bibi, kikongera kikavuga kubijanye nabayirwanya vyiza canke bibi.
    Ariko ukobibonezana ikikinyamakuru kidahengamiye kurumwemwabo navuze bibonekanako kurironka uwugihe amahera ariko rero sivyiza murikazoza kurico kizoca kigerigihe gihagarare mumisi igiyekuza canke umwe murico acigarurire agikoreshe nkikinyamakuru kitabogama kuburyo bumeze nkubu ahogifata ibibi bikozwe nabagizibanabi kigaca kubishira kuri reta.
    SOS TURTURE 000000000.COM

  • Ni mube musenga kuko Imana niyo yonyene ifise ijambo ryanyuma kuki remya muntu. Ijambo ry´Imana rivuga ngo Ino nsi izohera, irengane ariko Ijambo ry´uwuhoraho ( ELOHIM ) rizohaguma.

  • Uwita bcs mukirundi bavuga ngo ruriy’abandi rutakwibagiye ba mucisha make kandi ngo sakirimi kibi yatanz’umurozi gupfa

  • Sos numvifisakazi katoroshe!!barayihikibanza mwiperereza . Cankiterintambwe yokumenya abahekuruburundi ntimenye abapfuye nabafashwegusa imenyenibituma bamwebapfa abandibafatwa nihumuti wibibazo uzoburikuraboneka.mbega ntavizanakimwe kigikogwa muburundi???

  • Bobodawe Nimba Babuze Irengerero Kuko Ibirovyabo Vyoba Vyartetswe Bikaribwa.Kiranoneho Ntamuntu Aribwa.Urwonurunwarunwa.Baranka Barahumb Tuzobatwara Gushika Kuri Aleluyaaa! Nakare Abarundi Turi Zye.Ramba Komera Mwese Abo Tuvyumva Kumwe.

  • Nimukore nkabikorera mutuze abagumutsi uburundi bwogorore kuko ntayindi ntambara dukeneye mugihugu.abadashaka amahoro nabo ifu yimwumbati.

  • @Bisogo: iyo udahunga ugahagarara hamwe ninterahamwe benewanyu twarikumenya umugabo uvuga ukuri

  • EMW JEW UKONDABIBONA MWIKIGIHUGU TURACAPFUY IYIMANDA YA 3 IZOTUBERA IKIBAZO!

  • Ariko Nimba Indongozi Yacu Imana Yaduhaye Ikora Neza, Imana Imwongere Umugisha .Nibitaba Biri Uko Dusabe Imana Yamwimitse Kurongora Uburundi Imusubirize ,

  • @suredeal. Wa gishwi we njye ndi umunyamurenge wa Minembwe . Kagame ntitumwemera kuko ari guhemukira ubwoko bwacu bw’abatutsi.

  • amacakubiri naho atagizw n’abahutu n’abatutsi ;hariho abagisibije ,kuko barategura intambara mugihugu.kandi tubaye turareka n’ivyo abanyeshure ariko aqaduta umugoz mw’izosi:nne yoreka ingingo zari zisanzwe mubushikiranganj naho ?yabonye ko ari kuri manda none agir asig atwish mugabo uti naho warose natwe tur;inyuma ,saw ,mubimushikiriz!%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.