IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 46 muri 54 bari bagirijwe gutyoza inzego z’igihugu barekuwe

Abantu 46 muri 54 bari bagirijwe gutyoza inzego z’igihugu barekuwe

mardi 23 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu 46 muri 54 bari bafatiwe kuri uwu wa gatandatu ku bunywero bita "KU KAGURU" mu gisagara ca Bujumbura barekuwe. Muri abo barekuwe, harimwo n’umwigisha wo kw’ishure nderabigisha ENS nawe yari yatawe muri yompi.

Abo bantu bagera kuri 54 bari bahagaritswe n’igiporisi c’Uburundi ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, ku kabare bita "Ku Kaguru" kari kw’ibarabara ryitiriwe "Boulevard de l’UPRONA" mu gisagara ca Bujumbura. Bose hamwe bakaba baciye bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu gihe bariko basangira ibinyobwa n’imfungurwa, abandi bari mu rubanza, abantu bari mu bunywero bita "Ku Kaguru" niho babona abaporisi benshi binjira muri ico kibanza, bahagarika abantu bose, n’amaterefone ngendanwa yabo arafatwa.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abo bantu bafashwe bagirizwa ugutyoza inzego z’igihugu c’Uburundi, babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi (Whatsapp). Igiporisi c’Uburundi kikavuga ko kigiye guhagurukira abantu bakwiragiza ibihuha ku mbuga ngurukanabumenyi.

Inyuma y’amatohoza y’igiporisi, abantu 46 muri abo 54 akaba aribo barekuwe.


IGIHE

Messages

  • kuberiki uburundi bwamiramwintamba? Kuberiki pita atava kuntebe bakagiyingani abatwaruburudi bose baveko bashesha maraso none mwebwe iyo mugiye gutembera mubindi bihugu ntimuryoherwa? mwemuryoherwa kunigagura benewanyu?ntimubona komuhaye mutvngisha ibihugu bibanyi musoma kugira mumare abanyagihugu canke musoma ngomubakize none aho ntimwokwisuzuma mugahana hana tanzania mugomba muyitungishe niterambere ryanzania pitawe wagihawe nabanyagihugu ahontiwokwihanura? Abantu bose bafpa barikugatwekawe nivyo murakoze

  • Mbega inkuru ibabaje ikanarusha.

  • Mbega inkuru ibabaje ikanarusha.

  • Mbega mbega Igipolice,sha Abarundi tutagowe,none nkaho bivuze iki?murekuye Abahutu mupfunze Abatutsi ntaco tuzobabohoza kunguvu,tuko njiani

  • @Sadok. Banza ugire inama umwami wabatutsi kagame wiyemeje gupfira kungoma niho ndibumenye ko utari igishwi. Naho ubundi ubwenge bwawe muri mukibuno aho kuba mumutwe.

  • Oya vraiment nibaze bagira indero ntagucoza inzego zigihugu iyondero bagiye yokwigisha aBana bato siyo bahane nicogihano Cabo

  • Noneho ko mbona igiporisi kibagiwe kuvuga ko ari u Rwanda rubashuka gutuka inzego zigihugu? Biratangaje... Hanyuma se abantu nkaba turaje batukana nkabatararezwe cg barerewe mu mihanda bo igiporisi kibagenera iki ko mba mbona batutse Perezida Kagame inywari yacu? Abarundi mwicyebure muve mu matiku namoko. Muzaze gufata amasomo ku Rwanda tubigishe uko babana, ndetse nikintabupfura. Gusa ndashima bamwe mu barundi barangwa nikinyabupfura bamwe nini nshuti zacu rwose.

  • pfunga izombwabarashobora gutyoza ubutegetsi batazi iyobwavuye ahubwonibamwe gose gose.

  • Wesha Proud to be Rwandan, tuvuzeko uwo Kagame wawe yavuzeko umwanya wamubanye muto wokwica abanyarwanda bahungiye Congo akavugako yarikubamarirako imujinya wose ivyonivyowita kwarukumutuka? Tuvuzeko yivugiyeko aribwaribwa mubigaza kubera yabuze icotuma amena amaraso yabantu ivyonivyowita kwarukubesha? Tuvuzeko yivugiyeko ngo nabashigikira kugira hanigagurwe abarundi yifashisha bamwe mubarundi abibwira bakavyemera ivyinivyowita kotumubeshera? Iyo tuvuzeko igihe hicwa Coronel Karegeya muri SAfrica akabona bamwe mubanyarwanda batanguye kumuririra akacababwirango ahokurira ngonimwebwe ahubwo barimukwiye kuvuga komwamwishe ngokuko atawundi yobibakorera ivyonivyowita kotumubeshera? nibindi urazi kwamaraso yakamenye yabere bihugu vya Rwanda, Congo, Burundi nahandi agumamutera kuvuga ibibivyose abayarakoze kuko uwamenye amaraso yabantubangana naboyishe nubwowomuhanura ngwagabanye amajambo avuga ahokukwumvira acakwirenza nawe niwashaka nokubwira aboyirengeje kanke nkakubwira aboyahakije ububirutse barahunga bazira ko bamubwirako yokunamura icumu.
    Nagombakukubwira ko kubesha arumuntu yubahuka akerekana amasanamu yabantu biciwe mubindibihugu akemezako arabantubiciwe Burundi mbere akacabigereka kubajejwe umutekano bi Burundi canke zambonerakure zabagoreweko ubonako mumaze imyaka myishi mwiga ngukuntu mwosikwiragiza izinaryazo mumakungu ngozikora nkivyo abigeze kubabitwa Interahamwe kera murwanda bakoreshejwe penalite ninkotanyi.

  • Ariko nkumuntu twebwe abigeze kuba turabasirikare bigisirikare cuburundi cahohambere yaduhamagariye ngodushihane nabandibasirikare binjiye guhera mumwaka wa 2005 nkuwomuntu mwumva atarumwanzi wacu bimwe vyagahomera burwa! Akaduhamagarira ngotwitandukanye nabandi numva uwomuntu twamubonye yokwicarikwa imbere yabashingantahe bakamuca uwomunwa nutwodutoke/intoke yakoresheje mukutwifuriza akokabi kabishe.

  • @Schwarzenegger ibyo uvuze byose se ubu nibwo wibutse kubivuga? Imyaka twari tumaranye turi abavandimwe ubu nibwo wibutse ibi byose kdi bibinyoma? Muzajya mugendera mu bigare byanyaporitike mwumva mu maradio? Muri poritike nta mwanzi ndetse numukunzi uhoraho? Ejobundi uzaba uvuga ibindi mugihe abategetsi banyu bamenye uko bakina diplomacy. Naho ibyo byokuvuga ngo HE Kagame yavuze ko aribwaribwa ngirango uramubeshyeye nda gihugu yigeze adomaho urutoki? Yavuze abatindikiye interahamwe bose. Muve mu matiku mukore musore. Naho ibya poritike mubirekere abanyaporitike. Mwe muhora mu maporitike no kunywa byeri gusa... Nzaba mbabona nizo mbonerakure zanyu mukomeje kurera. Ngirango mwabonye icyo interahamwe zakoze.

  • @ Pound to be Rwandan, ivyovyose nakwibikije vyavuzwe nuwo Kagame wawe ayomahera radios wavuze abivuga abikura kuruwo shobuja kuko ntiyabivuze yinyegeje yabivuga benemutaga babona mwibuko komwanamuha abashi yurufaya buruko abivuze nawe yabona mumuhaye amashi mukubisubiramwo kubivuga akivayo niwabushaka ndagushirira ngaha ama links atandukanye yokuri you tube nawe usubire wirebere video yiwe ukuntuyabivuga yeruye namwe mumuhamashi numunezero ntangere, muvyukuri sinokubesha kandi ivyabaye vyukuri arivyishi nokubivuga vyose ntamwanya tworonka wokubivuga ngotubimare.
    Rekambere nsabe uwontanga kubona ayomahera links ariko Kagame yigamba amabiyakoze bacebayashira ngaha.
    Ndakwibutse ko jewe sinanka Kagame nanka ivyonakubwiye yigamba yakoze yisubiriza kandaribibi.

  • Mwa bu Porice mwe mwirirwa murahohotera abenigihugu mumenye yuko kwo muzokwibonerako mubihe vyimbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.