IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abantu baciriwe urubanza rw’ugupfa bariyongereye cane mu mwaka (...)

Abantu baciriwe urubanza rw’ugupfa bariyongereye cane mu mwaka uheze

jeudi 7 Ndamukiza 2016, par egide

Igitigiri c’abantu baciriwe urubanza rw’gupfa cariyongereye cane kw’isi mu mwaka uheze, ku rugero rw’ibice 50 kw’ijana. Igihugu kiza kw’isonga mu gucira urubanza rw’ugupfa ni Irani.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International riharanira agateka ka zina muntu rimenyesha ko ari ubwa mbere muri iyi myaka 25 iheze abantu barenga 1600 banyonzwe.

Amnesty International ivuga ko ico gitigiri gishobora kuba ari gitto kurusha ukuri kw’igitigiri nyezina c’abamaze kwicwa, kuko nk’igihugu c’Ubushinwa kitavurwa muri ico cegeranyo ca Amnesty International.

Ibihugu biri kw’isonga ry’abantu benshi baciriwe urubanza rw’ugupfa, bakanyongwa ni Irani, Arabia Saoudite na Pakisitani.
Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kiza ku mwanya wa gatanu, nk’uko tubikesha VOA.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.