IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaca kw’ibarabara Bujumbura - Rumonge bafise ubwoba bw’imisozi ishobora (...)

Abaca kw’ibarabara Bujumbura - Rumonge bafise ubwoba bw’imisozi ishobora kwiha inkumbi

lundi 10 Ntwarante 2014

N’aho ibikorwa bikibandanya kw’ibarabara Bujumbura - Rumonge aho umusozi Kijejeti uri muri komine Muhuta, zone Mubone, intara ya Bujumbura wari waguye mw’ibarabara, abanyagihugu baca kuri iryo bararabara baratekewe n’ubwoba kuko babona ko umwanya uwariwo wose ibisigarira vy’uwo musozi bishobora kwiha inkumbi.

Umuntu aciye kw’ibarabara Bujumbura - Rumonge muri komine Muhuta, zone Mubone, asanga abakozi bariko barakuraho umurundo w’ivu ry’awa musozi Kijejeti warwa mw’ibarabara. Uciye i bubamfu bw’uwo musozi naho uva mu gisagara ca Bujumbura, hari umusozi w’ivu umenga ugomba wururuke. Iburyo naho haracari ikirundo c’ivu. Muri iryo barabara hari abakozi bariko bagerageza gukuraho iryo vu bakoresheje ibipawa. Kuri iryo barabara nyene aho umusozi wari waguye, imiduga ibiri ntishobora kuhaca ibangabanganye, kuko ahatari ivu hari ibibuye vyaguye muri iryo barabara. Mwibuke ko imvura yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma ariyo yatumye umusozi Kijejeti urwa mw’ibarabara. Ivyahononekariye bikaba ari vyinshi, aho igice c’ibarabara kingana n’imetero 200 kitaboneka, vyumvikana ko ivy’uruja n’uruza kuri iryo barabara bisa n’ivyahagaze. Mbere n’imirima ikaba yari yatwawe n’uwo musozi. Inzu zari zisanzwe ziri kuri uwo musozi nazo nyene zisa n’izibangamiwe.
Ingaruka zikaba zaribonekeje na cane cane ku badandaza basanzwe baca kuri iryo barabara, kuko abavuye mu Rumonge baja mu gisagara ca Bujumbura bategerezwa kuriha amafaranga 500 canke amafaranga 1000 kugira babunguruze mu mato asanzwe akorera ku kiyaga Tanganyika, bikumvikana ko bahatakariza umwanya.

Abanyagihugu basanzwe baca kuri iryo barabara bavuga ko ubwoba ari bwinshi cane, kuko umwanya uwariwo wose babona ko ibisigarira vy’uwo musozi bishobora kwiha inkumbi. Twarondeye abo mu buyobozi bukuru bujejwe gukora amabarabara kugira bahumurize, ariko ntitwashobora kubaronka.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.