IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu bahungiye mu Rwanda baravuga icokorwa kugira batahe

Abanyagihugu bahungiye mu Rwanda baravuga icokorwa kugira batahe

mercredi 8 Ndamukiza 2015, par Egide N

Abanyagihugu bo mu Kirundo bahungiye mu gihugu c’Urwanda kubera umutekano wabo babona ari muke bamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibeshe, kandi yihuse, mu kuvuga ko mu kwezi kumwe boba batashe. Abo banyagihugu bati : "Yari kubanza gutegeka ko ibirwanisho bivugwa ko biri mu banyagihugu bikurwayo, hakajaho n’umurwi wiga igituma abanyagihugu babandanya guhunga igihugu."

Mu nama y’umutekano yagiranye n’imvukira zo mu ntara ya Kirundo muri iyo ntara nyene kuri uwu wa kabiri, Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko atanze ikiringo c’ukwezi kumwe kugira abanyagihugu bahungiye mu Rwanda bazobe batahutse, yemera ko uburyo bukenewe azobutanga. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye abanyagihugu bo mu Kirundo gushikira bagenzi babo babasigurire ko botahuka mu gihugu c’amavukiro yabo.
T.N umwe muri abo banyagihugu bari mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko umukuru w’igihugu yihuse mu gufata ico kiringo c’ukwezi, kuko badashobora gutaha kandi ivyabatumye bomoka bitaratorerwa inyishu.

Uwo munyagihugu, aganira n’ikinyamakuru IGIHE, yagize ati : "Twahunze ubwicanyi bwateguwe, kandi bugaragazwa n’inyifato y’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Ubwo bwicanyi bwateguriwe abatutsi, hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi."

Nk’uko uwo munyagihugu yabishikirije, ikiringo cose ibirwanisho vyahawe Imbonerakure batazoba barabibaka, bongere bake indangamuntu n’uburenganzira bwo gutora vyahaye abanyamahanga, ubutungane busubizwe umutamana, habeho ubutungane atari ubw’Imbonerakure gusa, umukuru w’igihugu aheze yerekane neza uko umutekano w’abanyagihugu bahunze ingene uzoba wubahirijwe, nta murundi n’umwe azotaha.

Ku bwiwe, kugira ivyo abahunze basaba bishoboke, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nahamagara amakungu amufasha gukura ibirwanisho mu rwaruka, aheze arungike umurwi ugizwe na Reta, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na Ekereziya Gaturika, basigurire abo banyagihugu, babahe n’ivyemezo ko umutekano wabo wubahirijwe.

Abo banyagihugu basaba ko Reta y’Uburundi yoreka gufata minenerwe ikibazo cabo, mu kuvuga ko bagiye mu Rwanda guca ingero, canke bahunze inzara. "Batwambura akami ka muntu, ukwo nikwa guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amateka mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu. Ntawohunga igihugu ciwe, akangaza umuryango wiwe atagira akimwirakanye."

Tubibutse ko ubutegetsi bw’igihugu c’Urwanda bwamaze gutanguza vy’agateganyo amakambi abiri yo kwakiriramwo impunzi z’Abarundi. Iya mbere iri ahitwa mu Biryogo, mu Murenge wa Gashora, akarere ka Bugesera, ikambi ya kabiri nayo ikaba iri i Nyanza.


Egide Nduwimana

Messages

  • ico kinyoma c’abatutsi camaze kumenyekankumenyekana.uti hamagara ONU.Mbega uwutashe imuhira ategerezwa guhamagara ONU? Mbega ko kirundo ari nini yoba ibamwo abantu 200? Abo ni abanyarwanda baba I Burundi ubu bitahiye iwabo kugora iyi rebellion

  • MURABE NEZA IYI NI YA POLIYIKE YA NININAHAZWE NA BIRYA BIGABO BINDI BIDAKUNDA IGIHUGU CABO.ABO BANYAKIRUNDO UGIRA BANSUMVYA UBUTUTSI...?MBEGA REKA REKA NI BAGENDE UKO BAGIYE NIKO BAZOGARUKA KANDI ABABAGUMUYE BARARABAHENZE KUKO NDAI KO BATAMEREWE NEZA KUKO ABABARUNGITSE BOBO BARIKO BITEMBERERA AN PRADO MU GISAGARA.
    HARIGIHE BIBAZA KO BARIKO BAGORA LETA UKO NI KWIHINDA LETA IZAMAHO UKO IZOBA IRI KOSE ARIKO ABANTU NTIBAZOKWAMAHO.
    NTAMUNTU AHUNGA TAWURIKO ARAMWIRUKANA GUSHIKA NAHO BABUZWA GUHUNGA ATI NTANAKIMWE BAKARAHIRA KWELI.
    ABO BARIKO BARABAHENDA TURABAZI WE REKA GUSA.JEWE NKUMUTUTSI ABA AHA MU KIRUNDO NZWI KWIZINA RYA NDUWIMANA NDAMENYESHEJE ABARUNDI NA MAKUNGU KO ATANTAMBARA IRIKO IRATEGURWA NGAHA I KIRUNDO AHUBWO ABO BARUNDI BAHUNGA UMUTEKANO MWINSHI.

    MBEGA BASHAKA GUKINGIRWA NA ONU...!HAHHAHAHAHAHA REKA BASI DUTUMEKO ABOTWARUNGITSE KUGARUKANA AMAHORO MU BINDI BIHUGU BACU BABACUNGERE...!

    AHUBWO NI IBIJUJU KUKO NTAGIHUGU KITARIMWO INTAMBARA ABANTU BAHUNGA....NTAHO VYAKABONETSE BATUTSI BENEWACU!!!!!!!

  • RABA IYO NZARA IRIKO IRABANYARIRA HIYO.....MURATEYE ISONI KWELI..KUBERA INYUNGU ZABANTU BADASHIKA NA 20 KWELI!

  • Jewe nkuko namye nsemerera kuva intwaro ya cndd fdd itangura gutwara ntamahoro nayibonyemwo kuko yakwirakwije ibirwanisio mu ba milices bayo b’imbonerakure kandi bica bagakiza leta irorera atanakimwe igishoboye ubu uye umutekano w’uburundi uri muminwe yizo mbonerakure! Jewe sinibaza yuko aho uburundi bugeze hakiriho ikibazo c’amoko ahubwo cndd fdd irigutegura ubwicanyi kaminuza kurizina murundi wese atava mumugambwe cndd fdd,kuko nabahutu bava muyindi migambwe yama yabagandaguye kandi kuvuga ko buzokorerwa abatutsi sivyo namba kuko no mwimbonerakure harimwo abatutsi eka no munzego zore dans l’armée ainsi dans la police! Ahubwo zina murundi wese atayoboka cndd fe azokwicwa ahobukera! Dusavye yuko L’ONU,na USA,na UA, na UE,botegura inteko zizoza gutabara kuko biraboneka yuko cndd fdd itipfuza umuntaza atavuga rumwe nayo!

  • Ni udututsi tw’utunebwe twahunze inzara,ntibakigira ivyo ba pilla mu bahutu,no kurima vyabananiye,none babakamiye mu coze bababwiye ngo hari imbonerakure,amanyama yako k’agabo mu kuvuga wumva ari impunzi,uwahunze bamwirukanye ntiyishongora uko,ntiwumva ingene ategeka ivyo yatumwe na société civile,ni yo yabagumuye je noreka akaba ariyo ibagarukana ama shiting reka azobumvisha!!!

  • muvuge canke mureke gushigikirana mumafuti ingorane zo ziriho nduwimana na jean. ugira ingorane zifise abatutsi bonyene ? eka nabahutu barageramiwe kandi siyororo umugani wa mu journaliste hiiiiiiiii

  • Birateye ubwoba ibiriko biraba mugihugu cacu :Mana bogora igihugu cacu ,ukironse abategetsi bagikunda,bakunda barundi bose badacagura amoko nimigabwe namadini .. Uburundi busubirane agateka kabasokuru nabasokuruza

  • Nibareke abarujabutse biyumve amahoro kuko natwe dusigaye turi munyuma .woreka guhunga gute kandi igihugu bacatse abagicungera bakagiha imbonerakure izo nazo ntamurundi atazi kwarabo bakoresha kwiba nogutoteza abene gihugu umukuru wigihugu akeneye ko batahuka niyihagarareko kwivyo vyose bivugwa bijahabona kuko ntawutazi akahitiye nah’Imana yonyene kubwabo intambara iba yaratanguye

  • jewe mbonako bobareka bakigumirayo kovyakunze bakagerayo nibabareke kubera natwe tukiraha mugihugu ntamaho mbona dufis

  • NYABUNABASHAHU! MURABUZE ABOMWEGERA NAMWE NGOMWASHITSE, BARUNDI BENEWACU MUKARAMUKA MUGIZE ICOMUVUGANA CANKE ICOMUKORA ARUKO MUKIBWIWE NUBWOBUTEGETSI BWU RWANDA NDABABWIJE UKURI INYUNGU MUZOYIBONA CANECANE IGIHE IVYOBASHAKA BITAZOBAVYAKUNZE NTAKINDI BAZOBAKORERA ATARUKUBICA KUKO BAZOBABAZIKO IVYOBABABWIYE MUZOHAVA MUBISHIRA AHABONA NGICO ICONABABWIYE NTI MURAGABA UBONAKO BIMWE MUVYO MURIKO MURAHABWA NUBWOBUTEGETSI WOMENGO HARIKINTU KICAKIBISHIKANA BURUNDI MBERE JEWE NIBAZAKO HOBAHARIHO ABARI MURIMWEBWE BARUNDI MUVUGA NGOMWAHUNGIYE MURWANDA ASHOBORA KUBATANGA AMAKURU I BURUNDI, UBONAKO BIGOYE NOKUMENYA IMBONERAKURE IYARIYO KUKO ISHIBORA KUBA ARUMUHUTU CANKE UMUTUTSI EKADETSE AKABA NUMUTWA. IKINDI NTIMWIYIBAGIZEKO UMUGAMBWE WAZIRYA MBONERAKURE WAGIZE URUNANI RWINTAMENWA RWABAHUTU NABATUTSI BIRABOROHERA KUMENYA INKURU ZIVUYE MUMPANDE ZITANDUKANYE. MBERE UBIREVYE BOBABAFISE ABATUTSI BOMU RWANDA BABABWIRA IMIPANGOYOSE YINKOTANYI ZIPFUZA GUKORERA U BURUNDI NABARUNDI MUKUBICA BIZOGENDAGUTE? REKANDABABWIRE UBURYO NKA 4 MURIBWISHI BASANZWE BAKORESHA: KUGUSANGA MUNZU BAKAKUMANIKA KUMUGOZI BIKITWA KOWIYAHUYE, KUGUTUMAKO NGOMUKORANE IBINTU NKUKO BISANZWE MAZE BAKAGUSANGA MUZIRA BAKAKUGONGA NIMODOKA, KUKUBOHERA MWIGUNIYA BAKAGUJANA KUGUTA MURUZI, KUKURASA BIKITIRIRWA ABAGIZIBANABI, CANKE BAZOTEGURE UMURUNDI MWENEWANYU ABARANDUZE IMBOMA MAZE ACEYITANGA MUBAJEJWE UMUTEKANO AVUGENGO NI RETA YU BURUNDI YAMUTUMYE.MUZOTEGETEGEREZWA KWICWA VYASEBIKUNZE NUBWOMWOHUNGUKA CANKE AHUZOJAHOSE MUHIRWE NTIHAGIRE IVYOMUZAMURAVUGA ARIBOBABIBABWIYE MUZOBAMURIKO MURIYINBIRA MUBONA. IVYONDABIBABWIYE KUBERANZI ABANTUBESHI BAMAZE KWICA NIZO NKOTANYI MAZEZAMARAKUBONA BASANABIGIRAYO NGOBAVE MUMIGAMBIYABO BESHIBARAMAZE KWICWA ABANDI BARAHUNZE ARIKO NAHANOBARI MUBUHUNGIRO BARAVYENABI BIKEICWA, NGIRA MURIBUKA UMUNTUYITWA COL KAREGEYA, URINDERERO USHAKA KWIGIRA NGURAKUNZWECANE NU RWANDA RYUNOMUSI GUSUMBA RWARURWANIYE BAKANARUTSINDIRA? EGOTURABIZI BAMYE MURIMYEBWE BARABACUMBIKIYE IGIHE INKOTANYI ZARIZIKIRI INYESHAMBA NACANECANE IGIHE PRESIDENT WACU BUYOYA ATARIBWATEKEZE RADIO MUHABURA IGIFISE ICICARO KIRUNDO MWAHAGIRIRANIYE UBUCUTI BUKOMEYE NINKOTANYI ARIKO BIRYAVYOSE NUBUSA KURABO MUBONA CANKE MURIKOMURIRATIRA NGOMWARASHITSE.

  • Izo nterahamwe ziyise Jean, Vuganeza na Nduwimana yiyise umututsi ngo aba " i Kirundo" aho kuvuga " mu Kirundo" vyerekana ko ariko arabesha, ndazisavye zigerageze kwumva impanuro z´abo biyise Ndavugasimvura na Bugaboburihabwa. Imbonerakure hari umuntu atazi ivyo zikora? kugeza no kuja ku vyambu gutegera abahunga ngo ntibagende? Aho kubategera, Peter akwiye gutanga ihumure mu kuvuga ko atacitoje kuko izo nduru zose nta yindi mpamvu zivako.

  • @quetion
    Ndashigikiye ivyo wavuze,je mvuga nti n’abanyamulenge harabananiye babishemwo hafi 1000,none ntubona bapfuye babana n’imbonerakure i burundi i wacu batagira iyo baja,abanyarwanda benewabo nta mpuhwe babagiriye,abarundi nibo bibazako bakundwa,bareke bazokwigarukana,umuhutu we arimwo ni ikirofa cane yumviye société civile!abo bahutu barimwo ntibahendwe na micro bishongora ngo bace bararama ngo barumvirizwa canke ngo barakundwa,nibatahe naho abahutu ata micro bafise,ntawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere,barabahenze!

  • mbabajw n’abo bana muriko mutsh kwiga gusa.mbi ivyo bigwanisho muvuga ko twumv ngo biriko bitangwa za Bururi n’aho vyegerany bizosimb bihere kurasa iyo mu Bugabira na Busoni?ni babahende mute ingo zanyu muzosanga zarabay imisaka.j nibaz nimb atar ibibaz vya poltk mufis ibind muhunga mbabazw n’abo murik mushiramw ingengabitekerezo mbi yo kwankish abandi uburundi kandi aribw bwabo.

  • Mana Hezagira Abatware N’abatwarwa Uburundi N’abarundi Tukwez’amaso Humdimigisha Abaharanir Ukuri-ubutungane N’amahoro Impunzi Ahozirihose Babone Ko Barikumwe Nawe Ntibihebure U Burundi,Afrika N’isi Yose Turonke Amahoro.

  • vyaramenyekanye ko uyo ari umugambi wa kageme yatumye abosha abo barundi ngo bahunge aheze atoremwo urwaruka bagirishwe imyotozo bazotere ari benshi basumba bamwe bo mu cibitoke bitwaza ngo ibigwanisho mu gihugu kandi kagame yoroherwe gushigikira iyo rebellion

  • @uwubizi
    Imbonerakure ubona zikora iki,wewe nyene wivugiyeko zibategera ngo ntibagende!!izo mpunzi none ntubona ko ari agahimbo?zahunze iki?warabonye umuntu ahunga ngo nuko peresida atavuze ko atazitoza?ariko ako gahimbo kazohera,uwubura ico yiratira ni ukuba muri shiting za HCR,mais d’un coté ça me fait rire,amakambi pour une fois si ayo abahutu,n’abahutu bariyo barahenzwe,barekereyo pendant quelques mois .
    Ikindi we uwubizi,mbe wibazako interahamwe ari igitutsi,canke?Aba sans echescs bo?Abatutsi iyo bamaze iminsi bataronka ivyo banyaga umuhutu ntibabura ivyo b’inventa,ariko mwarahinyutse kandi n’amakungu ariko arabahinyura,mbe ko mushaka guha amategeko cndd fdd,tanga aba candidats banyu bo mubareke,murondera uburyo bwose bushoboka mwigenza ngo mukwepe amatora ariko ntituzosubira inyuma,ko mumutamika ivyo ategerezwa kuvuga,mais bon mbona umengo yarabahinyuye gusumba na twese,il vous méfie par son silence,ce qui veut dire que vous êtes.......

  • intambara umenya ukwitangura ntumenya ukwihera, rukarishe ruzobamwa burya izo bombe muja guhamba mubanyagihugu mukabezi, izonkoho mukwiragiza uburundi ntawutava amaraso zitange ariko mumenye kwarizo zizobica iyaba mwarababwigwa mwabona ko uburundi arubwatwese kandi mwari mwaragerageje ariko ntimuzotumara kko ntabwoko buhona nuko mufise uruhumyi kumaso

  • je ndi umututsi wo mu kirundo centre. manwangari na nditije batugirishije akanama ahantu batubwira ngo duhunge ni boronka umusimamo wa politike. jewe ariko sinashimye kugenda mubambere kuko numvise bitanyura. abanygepolitike baraduhenda twebwe batobato ariko iyo habavye ntituba turikumwe ngo badutabare.muri 1993 igihe abasoda babatutsi bamwe bamwe bica ndadaye mwarabonye ingene imiryango yacu yabaye incungu.ni habe kumvikana kwabanyepolitike turonke amahoro kuko turazi ko hari inyigisho zivuga ko buca bica prezida ,bagakwiragiza ama video ya wa mu pasteur w’umuryanrwanda Damascene avuga ko igihugu buca gitwarwa numu sereja

  • Mbe izo mbonerakure bavuga ziri mu Kirundo gusa? Je numva umengo hariho ibintu vyinyegeje inyuma kuko ntaba nyakirundo bohunga gusa abandi batekanye. KAGOME perezida wugwanfda izina niryo muntu, yashatse kuraba ukuntu yongereza abatutsi babandanye imyimenyerezo ya gisirikare ngo baze baze gutera uburundi ariko barihenda kuko ntitwigiye hamwe igisoda. Nibagire nzoba mbona. Narondere uwundi mugambi uwo twamaze kuwubona ivyo agamije, yibuke nawene ko Interahamwe zitahona naho azica aba ariko arabagara, arawatsa azoraba kuko ndazi ko yarondeye ukuntu yotera uburundi arabura imbarutso ubu rero yabibonye aho yoca. Naze turamutegereye

  • Twizere ko Nyenicubahiro Umurongozi kizigenza w’URWANDA azokingira inzo mpunzi ntizicirwe mugihugu c’UWANDA nkivyashikiye impunzi z’abanyamurenge mu ibujumbura mu Gatumba

  • hhhhhh, abarundi murasetsa cyane rwose ,ubuse koko murafata ibibazo by’ igihugu cyanyu mukabishyira ku gihugu cyacu u Rwanda aho kudushimira ko twakiriye impunzi zanyu , reka rero mbabwire u Rwanda nta shyari dufitiye u burundi kuko mu byukuri ntaho duhuriye namwe mufite ibibazo byanyu natwe twifitiye ibyacu , u Rwanda nta nyungu rufite i burundi rwose nta bwo turi ku rwego rumwe haba mu bucuruzi haba mu iterambere nta nakimwe duhuriyeho pee ??? nta kintu mufite cyadutera ishyari ku buryo mwakumva ko u Rwanda rutabifuriza amahoro, ikindi ntabwo muri mu bihugu twikanga ko bishobora kuduteza umutekano muke rwose kuko namwe murazi ubushobozi bw’ ingabo zacu ntaho buhuriye n’ ubw’ izanyu ?? izo rebellion muvuga rero ntitwumva impamvu zazo nta ni impamvu yatuma u Rwanda rushyigikira rebellion kuko dufitanye ikibazo twakwinjira i burundi ku mugaragaro izuba riva !!!! njye rero narangiza mbagira inama yo gu tuza mugakemura ibibazo mufite mudashakiye igisubizo mu Rwanda ,icyo nabizeza cyo nuko nta genocide izongera kubaho igihe cyose ingabo z’ u Rwanda (inkotanyi ) zukiriho turi tayari gutabara ahariho hose no kurwanya uwariwe wese uzifuza gukora genocide.

  • nyakubahwa mukurubwigihugu abobanti bahunze sugugunga bisazwe bafise inyigisho bahawe na pasifqwe kuko birabinekanezako bafisico bagamije ariko barabahenze bagonbintambara kunguvu bizobagora abonibamwe bagombakurya bicaye bagabururwa igikoma napamu abagomamba gukamishanabo bakabashuka bakagenda nabo bibereye ngahiburundi iyobtambara yabanyakirundogusa kandi bubwokobumwe urwanfanarwo ngo rwuguruyikambi yimounzi zabarundi nuruhendo mbega kagame yugururikambi yabarundu gute atantambara ihari mugihugucacu ahubwo nabarungike batahe bubakigihugucabo nayahandi bizobatekurukana twarabahinyuye ukobagiye nikobazogaruka kandibazizana icabajanye babonye kutabaye vyonse bazobivuga icatumyebagenda

  • Wewe wumvise urya mugabo w’impunzi ivyo yavuze wumva avuga nk’impunzi?Avuga ivyo yatamitswe,ni abatutsi barambiwe no gukora ubonako ari ibinebwe!Izo mbonerakure ni ba ba sans echecs bakora imyimenyerezo mw’ijoro babesha ngo ni imbonerakure,abatutsi nibo bariko bakwiragiza ibigwanisho mu babo,ahubwo abahutu murahagabira ntibabahwikire mutabizi ,abahutu mwasigaye mu mihana yanyu mwirarire riko ntimusamazwe nabo batutsi uraziko bakunda kwishira ku ma projecteurs,kanura kanura nyabuna ntibadusubire ba ba sans echecs kutunyaga no kutubagira mu mazu.Ivyo RPA ivuga nizo zindi radio z’abatutsi nivyo kubasamaza no kubateranya ngo mumarane,za murazima amatwi,ntimuzumvirize naho mwozumviriza ntihagire na kimwe mufata nka nkama ntimwibagire ababaturatuje imyaka n’imyaka si mandat ya Peter,habe na gato,ni abo nyene bitora inda ngo barabomoye ,muhagabire bitababujije kubaho!Mbega Pacifique,Vitali n’abandi ko badahunga,Niko bamye bakora kuva kera barigenza ngo baronke uburyo bwo kuturya batwicayeko,ntibazosubira naho na kagame yoza kiretse twese batumaze bakadushira mu kuzimu,!!

  • uyo yiyise nkotanyi ashatse kutubwira iki? mw’ijambo rimwe ko u Rwanda ari union européenne yo muri afrique centrale,ihi bambewe,mutunzwe na banque mondiale comme tous les autres africains,bugaye ama robinets ntaco murushije abandi,ivyo bigwanisho n’ingabomwishimira twese dushobara kubironka,kandi igikuru ni détermination !

  • Ivyamoko vyaraheze kera kera gusa ico ntahakana nuko imbonerakure zishobora kuzokwica uyowese atavuga rumwe nazo yobumuhutu canke umututsi!

  • @Vuganeza
    Iyo ndwara urwaye Abatutsi ndabona izohava iguhitana. Simbona ingorane z´i Burundi aho zihuriye n´amoko. Barya ba FNL mwamariye mu ruzi canke mwicira i wabo si Abahutu? Mubasumvya ubuhutu? Mbega ni abatutsi babica? Si mwebwe imbonerakure mwabamaze? Ubu rero harageze ko ubahenda ngo ingorane z´uburundi ni Abatutsi? Ubafashe rero nk´ibijuju?

    Ingorane z´Uburundi ni iyi ntwaro ihari ubu yamaze abatavuga rumwe na yo, yiba , yica, ata terambere izana, yicisha inzara abanyagihugu, ituma ibintu vyose bibura, yanka kumanura ibiciro vyofashije abanyagihugu, corruption,etc.

    kuzanamwo abanyarwanda mu ngorane zacu ni uguhuma amaso abarundi badakanura, ni iturufu mwitwaza ngo abahutu bumve ko muri kumwe na bo kandi mwabamaze mubica mu gihe bari muri opposition cane cane aba FNL.
    Abarundi ubu baraciye ubwenge mushake muve muri ivyo.

  • NUKURI IYISI YAHEZE.TUZAMA MUBUHUNGIRO KUGEZA RYARI

  • NUKURI IYISI YAHEZE.TUZAMA MUBUHUNGIRO KUGEZA RYARI

  • @uwubizi
    mbega ko abatutsi mudashaka uwuvugako amoko ahari,aho kandi wosanga hari abahutu babumviriza bakumva nivyo,mbe abo ba fnl umbwira watanguye kubakunda ryari?nimba bemeza ko bishwe na bene wabo nibagende babitwarire ,ko mubavugira ku ma radio yanyu mudurumisha ivyo mutazi aka kanya bataye etiquette y’inyankaburundi ubu murabakunda!Vraiment turazinanyi,ingorane ziri i burundi ni izamoko cane rwose la preuve nabo batutsi bo mu kirundo biyomoye atawubirukanye icinyegeje muri ivyo bintu kirahari nuwabatumye kubikora azi ico arondera,rero amoko ntaho yaroye,ayo ma radio yanyu ariko arateranya abahutu ngo bamarane ariko nibazako batanguye kubahinyura,abo ba fnl mbega vyoba vyagenze gute ngo bicwe abatutsi muraramye ngaho?nibishure ico kibazo bihanure babane neza na benewabo bareke kubaduzako ibitugu ari benewabo ku ntwaro z’abahima batavuga yari cwe!Nayo indwara y’abatutsi ngwaye nawe hari naho vyogushikira icayinteye kikagushikira nawe ukayigwara,twese turi musi y’ijuru ntimuze mutwitamba ku muvyimba ubonako ata mitima mugira,weho hari naho uyanduye uzoca wihereza imisozi ntube capable d’écrire aha kuri internet!

  • Extremisme y’abahutu nsanzwe ndayizi ndayimenyereye ariko iyi y’abahutu babarundi irandenze nababanyarwanda murabarenze aho gutanga ibitekerezo vyicokorwa ngo izo mpunzi zitahe mubaremeshe ahubwo muravuga nkabavyishimiye mbe nkawe vuganeza ko utibaza uti mbe harya aba bantu babaye ari nka benewacu no kwumva gute? Kuki mwishimira imibabaro y’abandi? Mbe iyo ngoma mwiratana mwibaza ko izahoraho, baca umugani ngo nta gahora gahanze, iyo ingoma itoteza abaturage bayo bagahora mu marira ntirama Imana irayisenya nkuko yasenye iya nebukadinezari iya habyarimana, Hitler n’abandi, sasa nimubandanye kurya munywe muryame musinzire abandi bababaye nta mahoro bafise ariko mumenye ko isi ari gatebe gatoki, kandi bucya bwitwa ejo, un jour niba Imana izoba ikidutije ubugingo nzogaruka ngaha nkwibutse ibi nkubwiye. Amahoro!

  • Reka ndakubgire wa munyamacakubiri we,abahutu ubu bahunga basubira muri Tz ni benshi gose kurusha abatutsi baja mu Rwanda,ico nico cerekana ko intwaro mwita mputu ibangamiye bose kandi iherezo ryayo rizohitana benshi,kubiyumvira neza boba barakura yo akaguru.Ni geze kuganira numuhutu wu mutegetsi ambgira ikintu kibabaje ati;ngo umututsi asubira kubutegetsi aruko Yezu agarutse,jw ubu ndavyihweje neza,numwishura ko abatutsi ubgo butegetsi bazobutoragura mwabutaye.

  • Isoko y’ubwoko muburundi yararemuye, abatari bwasume bariko bagerageza kuraba hirya no hino aho itararemura ngo basume, kandi umenga bariko barasuma. Ariko bararaba neza kuko bazikwegera, bakwegere n’incuti n’abagenzi. Bibaza ngo baronse umugenzi mwiza abahungisha umutekano. Urabona ko batanguye kuvuga ibitegerezwa gukorwa kugira batahe. Ni babandanye, icabajanye kizoteba kimenyekana. Muburundi ntawe woba ukibwira ngo aca aja narwo, kiretse bamwe murabo nyene babaye ibikoresho vy’abandi.

  • @santos et kanakuze
    Nagire ndababwire ko aho ariho abarundi dutandukaniye namwe sinzi abo muri,ikindi naco nuko amacakubiri sije nayazanye nasanze ahari impunzi z’abanyarwanda b’abatutsi baduhonyora mu gihugu cacu,ab’abarundi bo sinokubwira babaga ba data tubona,rero je suis désolé nta kigongwe mfitiye abo bahunga atakibirukanye kubera ubunebwe no gukunda kwitereka imbere ya za camera,ubwo butegetsi muratora twarinze menshi on va gerer le reste nimwabutoragura n’intoki nkuko mwabivuze,abahutu bahungira muri tanzaiya barahendwa canke bafise izindi ngorane abazoshaka bazogaruka bige imigambi yo kwiteza imbere,ça c’est le résultat y’ubutegetsi bw’abahima bwabagumije mu makambi bakamenyera ivyo bahawe na HCR,nabo baja mu Rwanda babandekere amezi makeyi bagume mw’ikambi sinzopfa nibagiye indirimbo z’igitutsi zavuga ngo turi bake turi beza,turi abo kwa ntaganya,turi abaziraguhunga,nari nkiri umwana nibaza ngo nivyo,abo nabonye ku mafoto !!!hiiiiiii

  • Erega burya ndabona mukwandika dupfayogupoperanya abatutsi twese ngotwakoze amabi murikahise kuko jewe ndaziko abatutsi beshi ntibari mumurwi wishizemwo ngohakuba imbwa ngoboba imva, abeshirero twebwe aba Cnddfdd tumazekubona Ko nivyomukahise dukunze kuvyitirira abatutsi bose sivyonabo ntibibanezereza. Akarorero kabatutsi bahisemwo ngohakuba imbwa ngokob’imva ntigatume mwebwe abahutu mutwitirira akokarwi. Ikindi ndaziko hariho abasenga Imana vyukuri ahorero mugukomeza basengera igihugukibanyi cu Rwanda kugira hazoveho ubukaka bwigihugu gitwarwa nubwoko bumwe bwaba Tutsi ivyorero biratuma bamwe mubatursi bomubiyaga binini bumvako bafise igihugu cabogusa ivyonavyo bigaheza bikazotuma mubihungu vyomubiyaga binini hamamwo umugera udakira winguvu zabatutsi kubera ufise icicaro cahantu ciganziye ivyobica rero biguma arumugera ukomeye mubihugu bibanyi. Ndabaha akarorero; Hano iwacu Burundi kuzana akarwi kokuja guhungabanya umutekano wamoko yariyoyose bomugihugu bibanyi ivyontibishoboka kuko igihugu cubatswe kunyungu zamokoyose, ariko twebwe abarundi kakarwi nababwirakaba tutsi bavugango hakubimbwa bobimva barishira bakijana mubitekerezo nomumigambi mibisha mu Rwanda nicogituma nababwiye nkitangurako kwarugusengera u Rwanda hakazobamwo abahutu mubutegetsi bwaho nomugisirikare bafise ijambo nabobashobora kugira uruhara mukwemera ikintu canke bakagihakana ekambere bakagiharirako, ivyorero birahinduka bikavamwo inyungu zicogihugu ninyungu zibihugu bibanyi kuko amoko aba mwivyobihugu ntaheza ngwazarabona akabayekose ngwazarirukayo arinako aheza akavugirayo namajambo yoguteranya mwicogihugu kuko abayiyumvamwoko yisanze. Ndagomba kubibutsako Congo igihugu kibanyi mumyaka yaheze bamwe mubatutsi bavuye muburundi nabandi bava mubindibihugu vyaroroha kwaba Tutsi babarundi bagirana utunama twokugambanira igihugu kibanyi ca Congo wanashaka dukorewe ngaha Burundi, kandibakanagendayo wanashaka mubijanye nokubagamira reta ya Congo! Ariko ubu kubera ivyakozwe mu Burundi aribintu bifituye inyungu abarundi nu Burundi, nibihugu bibanyi vyahaboneye akoyokwe kuko ntamuhutu canke umu tutsi yoja Congo guhungabanya umusirikare wigihugu canke ngoyifatikanye nabashaka kubangamira reta ya Congo izoninyungu Congo yungutse mwicangwa ryigisirikare cu Burundi. Nomu Rwanda rero igihe bazocangira igisirikare nta reta izosubira gushigikira uturwi tudurumbanya umutekano wa Congo canke ibindi bihugu, urumva inyuma yinyungu zabanyarwanda hazocahabaho ninyungu zababanyi, ibimvuze nukuri kandi kutavyemera kwari ukuri navyo ntivyontagaza!.

  • Ewe nuwera uracarota;twebwe abarundi ivyo twarabirenganye,ntidushobora gusengera u Rwanda ngo habe ivyo vyose ushaka,va i buzimu uje i buntu prières zo muri afrique centrale imana ntazo yumva ica yiruka,bandanya mwisengere mwebwe nyene mureke kudutesha umwanya ,twebwe mu burundi turaziko kugirango ivyo vyose bishoboke ko atari igisabisho,nimba hari abiyumvira nkawe muzomera nk’aba tibetains bo kwa dalayi lama!!!

  • Abarundi bamwe bamwe muteye isoni kuba mugiharira kuvyerekeye ubwoko!!!!,!aha mbaye muri ZAMBIA hari ubwoko 72 mindimi 72 ntamunsi numwe wumva bariko bakomana ubwoko,mwebwe muvuga ururimi rumwe mama wanje ngo ngumututsi ngo nukuraba izuru risongoye umuhutu ngo nukuraba izuru rifyase,none jew komfise izuru risongoye nkaba ndumuhutu muzoca munshira he?mwabahutu na batutsi mwahaye ikibanza satani nukuri mutagowe!! Ikimbabaza nabatwa bapfa ataco bazira.abandi biruka barondera ingene bobaho namwe namwe mukirukira guhonyanga agateka ka kiremwa muntu jew nagomba ndababwire ayo majambo yamarogotano abarundi bamwe bamwe birirwa baravuga nagomba ndababwizukuri ntaho azobashikana.Abavugukuri ntimuze muhemuke kuvuga kuko abavuga ibinyama bazogira iherezo iriko abavuga ukuri ntibazogira iherezo.abo nabo bariko barahunga nibaza ko umuntu adatewubwoba nibiriko birakorekera muburundi uyo untu ariko akabaza(????).

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.