IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu baramaze gutahura akamaro k’ibikorwa rusangi

Abanyagihugu baramaze gutahura akamaro k’ibikorwa rusangi

samedi 12 Nzero 2013

Nk’uko bisanzwe bimenyerewe ko ku minsi ya gatandatu abanyagihugu bazinduka bitaba ibikorwa rusangi, n’uyu munsi igenekerezo rya 12 Nzero 2013,ibikorwa rusangi vyitabwe kuko mugatondo wabona abantu baja gukora aho vyari biteganijwe gukorerwa.

Mugatondo ko kuri uyu wa gatandatu mu mabarabara rwari uruja n’uruza rw’abantu bari bafise ibikoresho vyo gukoresha ibikorwa rusangi abo twaganiriye batubwiye ko ubu bamaze gutahura akamaro k’ibikorwa rusangi kuko bamaze kubona ivyiza vyavyo.

Aha batubariye ko ubwa mbere wasanga mu migende itwara amazi huzuye imyanda ikabuza amazi mabi kurengana ; maze ugasanga vyateye umwanda urenze mu mabarabara ngo ariko ubu ivyo ntibikiboneka cane kubera ibikorwa rusangi.

Batubwiye kandi ko ibikorwa rusangi usanga bibahuza n’abarongozi bo hejuru b’igihugu ; ngo barabiye nko kuri nyene icubahiro umukuru w’igihugu akunda kenshi na kenshi gukorana ivyo bikorwa n’abanyagihugu kandi ahantu hatandukanye.

Bati mbere ku munsi w’ibikorwa rusangi usanga Reta yagiye irungika n’imiburiburi umuyobozi umwe ahateganijwe kubera ibikorwa rusangi uwo munsi.

Gusa haracariho ba ntibindaba usanga batavyitayeho ; cane cane nk’abunguruza abantu n’ibintu usanga bagora inzego z’igipolisi bagomba gutangura kugenda ibikorwa rusangi bitatararangira ugasanga ku ma bariyeri huzuye imiduga,amapikipiki hamwe n’amakinga birindiriye ko amasaha yo kurangiza ibikorwa rusangi agera ngo barengane , ukibaza rero nimba bo atari abanyagihugu nk’abandi.

JPEG - 8.1 ko

Inzego zibijejwe zari zikwiye kugenzura neza ico gikorwa kandi zigahana uwariwe wese agomvye kubangamira gikorwa ciza nk’ico.

Abenegihugu nabo barasabwa kugira ico gikorwa icabo kuko iyo uravye nk’amafaranga woha abantu bakora ibikorwa bikorwa ku munsi umwe w’ibikorwa rusangi , uca usanga igihugu cungutse amafaranga menshi kandi vyoba bimwe muvyozamura ubutunzi bw’igihugu.


Joel Sengurebe

Messages

  • Barundi bavandimwe twe mu Rwanda ibikorwa rusange as known here as Umuganda tubigeze kure!buri wese azi akamaro bimufitiye ni umunsi twubaha cyane isuku dufite niho iva!ndabashishikariza kubigira ibyanyu bihereye kunzego zibanze muzareba uburyo muzabyungukiramo.Thank U

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.