IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu basaba itunganywa mu muco ku bibanza vyo mu Carama

Abanyagihugu basaba itunganywa mu muco ku bibanza vyo mu Carama

mardi 21 Ndamukiza 2015

Muri komine ya Kinama umutekano wifashe neza muri rusangi, mugabo hirya no hino utunenge twihungabana r’yumutekano tukaba twibonekeza, nk’uko bivugwa n’uwurongoye ikirindiro co ngaho nyene mu Kinama Isidore Nyandwi.

Ivyo bikaba bishikirijwe, inyuma y’aho hari ibiziga vyatowe bitatu harimwo bibiri vy’abakuze, n’umwana umwe, vyaratowe aho nyene mu Kinama. Amenyesha ko bigoye kumenya abagizi ba nabi bakoze iryo bara, na cane cane ko ivyo biziga bitashoboye kumenyekana. Uwurongoye ikirindiro co ngaho nyene mu Kinama Isidore Nyandwi, amenyesha ko umutekano uhungabana kubera ubusuma mu mazu atandukanye, abarwana, itunganywa rivugwa ko ririmwo ibipfungu ry’ibibanza vyo mu Carama, abana bo mw’ibarabara babangamira abahita mu masaha yitereye n’ibindi.

Ariko rero ku bivugwa ko hoba hari n’umubano mubi hagati y’abanyagihugu kubera badasangiye ivyiyumviro vya poritike, Nyandwi arabibeshuza, akavuga ko abantu babanye neza, mu budasa bwabo. Ahubwo nyabuna, abanyagihugu baho mu Kinama, bagasaba urwego rujejwe ibisagara (urbanisme) itunganywa mu muco ku bibanza vyo mu Carama, kuko nk’uko Nyandwi abivuga, iyo mvo ariyo nyamukuru imvukira na bashasha bakunda kudahurizako.


Bill Nkurunziza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.