IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bokwinjira mu mazu yabo bakugara mu kwikingira (...)

Abanyagihugu bokwinjira mu mazu yabo bakugara mu kwikingira inkuba

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’aho mu mihingo itandukanye y’Uburundi inkuba zitanguye kwiha inkumbi, Sebastien Niyonzima umwigisha muri kaminuza, asaba abanyagihugu kwinjira mu nzu zugaye, imyango n’amadirisha mu kwikingira ko inkuba zibakubita.

Kubw’uwo muhinga mu bushakashatsi, avuga ko inkuba ikunda gukubita mu micungararo usanga irwiriyemwo ubutare. Abanyagihugu rero bari bamaze iminsi bavuga ko batabona uko bokwikingira inkuba bagasabwa kutegera ibintu vy’ivyuma iyo imvura iriko iraga.

Muri iyi minsi iheze inkuba yarahitanye abantu batari bake mu burere bumwe bumwe bw’Uburundi. Bamwe mu banyeshure, abari mu mihana iwabo, canke bimwe mu bitungwa, bakaba barahuye n’isanganya biturutse ku nkuba. Abanyagihugu rero bari bacugama munsi y’ibiti canke munsi y’amabuye manini akavura kariko karagwa, basabwa kubiheba, kuko ivyo bibanza ari bibi cane, kuko inkuba ishobora kubakubita umuntu yugamyeyo, aho naho n’umuntu ahugamye, agashobora kujaniranywa n’ivyo bibanza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Muhinga urakoze ku nyigisho uduhaye ariko sindavyemeye neza. Muhinga mbe Uburundi nico gihugu conyene gifise ubutare ou hagwa imvura, ko tuzi ko ibihugu vyinshi ubutare bwuzuye ariko inkuba itica Abantu. Muhinga nimba wizeye Imana, jewe ndabona ari ibimenyetso vy’ibihe. Ige ivyo Bible ivuga, munarabe ivyo turimwo Abarundi, abavuga ko turi igihugu Chretien, hanyuma mwiyumvire ko Imana ibinezererwa.

  • naje ivyo vyuwo muhinga sindavyemeye neza,je iconzi nuko inkuba ari umuyagankuba uri mubicu uturutse kumisenyi itwagwa numuyaga hanyuma uko uza urakoranako (frottement mukinofunofu ) havuka uyo muyagankuba.akarorero: ufashe ikaramu BIC ukayitsirita mumushatsi ugaca wegereza agapapuro kataremereye, gaca kamatako. urya ni umuyagankuba ariko mukeyi. mugihe rero mubonye birya bicu vyirabura cumulonimbus biba birimwo umuyagankuba twokwita nka (plus ou phase) iysi yacu nayo ni - (moins ou neutre); iyo bironse ico bicako kugira vyinjire mwisi ico kintu (igiti,ivyuma, umuntu.......ibitwara umuyagankuba vyose kihasiga ubuzima haba habaye cour circuit nicogtuma igiti gikubiswe ninkuba usanga cumye cahezemwo amazi. ibicu nayvyo nyene hari ibifise positif na négatif,ico gihe rero bihwanye haba irya cour circuit navuze ninaco gituma muca mubona umuravyo munyuma kubera ijui ritanyaruka nkumuco muca mwunva bituragaye. iyo rero biba kenshi mumisozi miremire atabimwe vyuburozi bigiyemwo canke umuyaga ukazana nyagicu hafi yisi bishoboka ko gikora kubiti canke kumuntu kugira cigire mwisi. nuko ndabizi uwonyunganira vyoba vyiza.

  • Naje sinemera ko arubutare uwuvuze ko ari ibicu ndamwemera.hari ibihugu bifisubutare bwinshi ariko ntankuba yicabantu. nuwuvuze ko vyanditswe muri bibiriya sindamwemera gusa umuntu yokwama yiteguye muvyo akora kuko atazumusi wurupfu rwiwe.canke turabe ko ibibi bitagwiriye mu burundi kuko ahari ibibi vyinshi haba ningorane nyinshi ariko aharamahoro Imana itangimihezagiro

  • ivyonzi vyerekeye inkuba nuko ari umuyagankuba uri mu bicu bivuye kwikoranako ryavyo iyo wabaye mwinshi cane cane hari invura haba hari nimiyaga ibicu vyiruka cane, uramanuka hari ivyo bita positive na negative, aha kwisi kira kintu cose gifise umuyagankuba kwisonga ryaco kubera frottement mu kinofunofu hagati yumuyaga nico kintu. iyo umuyagankuba umanutse utangura gushikira kukintu kirekire nk’inzu canke igiti naco gifise positive umuyaga wamanutse ufise negative ou vice versa, uca ugicamwo. nicogituma abubaka amazu maremari bashiraho igikinga inkuba. iyo ubonye igiti canke izu vyakubiswe ninkuba uca uraba ko arico cari kirekire mubindi biri aho. mugihe ari nkimpene uraba ko yari impande yigiti kirekire. umuravyo mubona namasase aboneka inyuma yikoranako yimiyaga.atarivyo nuko atari inkuba isanzwe ari ibirozi kuko ndemeza ko bibaho. natural or supernatural thunder.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.