Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyakenya Bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu
 Abanyakenya Bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu
 Abanyakenya Bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu
				
				lundi 4 Ntwarante 2013
Imyaka itanu irarangiye inyuma yaho habereye imigumuko n’imishamirano mu matora y’umukuru w’igihugu yari yimirije mu 2007.Abanya Kenya bahamagariwe kandi gusubira gutora uno munsi.
Urupfu rw’abantu cumi na babiri, muribo, harimwo abapolisi batandatu,rwabaye mw’ijoro rirangiye,rwateye benshi ubwoba,bagatinya kandi ko hohava hasubira kuba ubwicanyi. Aya makuru tuyakesha n’intumwa idasanzwe y’imboneshakure y’abafaransa “France 24”.
Ngo ibiro vy’amatora vyuguruwe kare kuri uyu wa mbere mugitondo kugira bakire abantu bashika imiliyoni14 batora umukuru w’igihugu bishakiye,abashingamateka,abakenguzamateka hamwe n’ababuramatari.Inyuma y’imyaka itanu irangiye habaye amatora yataye igihugu mu kaga,no m’ubwicanyi bw’amoko.Amabi yose yakozwe akaba ataribagiranwa mu gihugu.
Imyiyamamazo ikaba yarangiye kuri uyu wagatandatu kumugoroba aho abitoje kuzoba umukuru w’igihugu biyamamaza.Abo nabo akaba ari,uwahora ari umushikiranganji wa mbere Raila Odinga hamwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere Uhuru Kenyata, i Nairobi.Bose rero bakaba bababana.
Raila Odinga avuga we ko uwo bahiganwa atazoshobora gutwara igihugu mu gihe yoramuka atowe, ngo kuko ahigwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI),co kimwe na William Ruto umuhagarikizi wa Uhuru Kenyatta, kuvyaha vy’ubwicanyi bagirizwa . CPI ikemeza neza ko abo bagabo bose uko ari babiri basomborokeje ubwicanyi hagati y’2007 n’2008.
Ngo nta kibazo na kimwe cigeze kigaragara mu gutegura amatora n’ubwo mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ushira uwa mbere,abapolisi benshi bishwe mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu, i Mombassa.
Igipolisi kikibaza ko coba caraguye mu mutego w’akagwi kiyonkoye ku gihugu, MRC( Conseil republicain y’i Mombassa) igahamagarira ako kagwi mumatora.
Atari izo mpanuka zabaye i Mombassa, ubu n’amahoro.Ivyo n’ivyemezwa  n’umuvugizi w’igipolisi,Charles Owin.
Mugisha van naris

