IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamahanga baba mu Burundi batumweko mu rusansuma

Abanyamahanga baba mu Burundi batumweko mu rusansuma

mercredi 24 Ruhuhuma 2016, par egide

Abanyamahanga baba mu Burundi, abahakorera canke ababa bahaciye batumweko mu rusansuma bateguriwe, kugira bahabwe amakarata mashasha abaranga.

Mw’itangazo ubushikiranganji bw’umutekano bwasohoye, bamenyesheje ko urwo rusansuma ruteguwe kugira abanyamahanga bari mu Burundi baronswe ikarata nshasha zikozwe mu buhinga bwa none (carte biometrique).

Urwo rusansuma ruzotangura kuva kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante, gushika kurya 30 Ndamukiza 2016.
Nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, urwo rusansuma ruzoba iminsi yose, guhera isaha zibiri z’agatondo gushika isaha cumi z’umugoroba.

JPEG - 60.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano

Urwo rusansuma ruzobera muri komisariya nkuru ya PAFE, bigasabwa ko umunyamahanga wese ari mu Burundi yokwishikira aho muri iyo komisariya, kandi akaza yibangikanije impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba canke bw’ugukorera mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Ni mukomere. Ahubwo mwari mwaratevye, kuko abariko barakora ibikorwa vy’iterabwoba bavyoshwa n’abo banyamahanga nyene.

  • ABOBANYAMAHA HOBA HARIMWO NA ZANTERAHAMWE AHUBWO NIMUZIRUKANE MUVUGE MUTI MWARADUHENZE ZASE MUZIGIRE NKUKO F.N.L YAZIGIZE MURUKARAMU IGIHE ZAZA ZICA ABANAMARIMWE

  • nimuvyemerenatwebanyagihumuraduhabajenihagira,icobamusigaremurahigananakaremukuyadyamutubwiraturabehasidushonjenakare.agataretsekabagasema

  • NIMUBASASUME KOKO NIBO BAVYONGA KANDI UWOMUZOFATA ADAFISIBIMURANGA MUZOCE MUMUSUBIZIWABU

  • N,ejo aho bukera nanyu muzoba abanyamahanga murabe ukuntu ubuhungiro bubabaza kuko ndazi abenshi murimwebwe ntavyo muzi ivy,ubuzima bwo mumahanga.Kimwe gusa laisse les africains vivent partout en afrique la’ ou ils veulent vivre.Suivent les europeens seulement ceux biens qui sont etrangers en afrique car ils destabilisent notre continent.

  • @ Tulibare , urasabwe gukunda igihugu cawe , kuko ntanahamwe uzaba ngo wiyumvemo ko uli iwanyu cg baguhe uburenganzira nkubwumunyagihugu !! kuko nta budget yawe baba bafite , uba usabwe kuba munkambi niba uli impunzi kuko HCR niyo iba ifite budget yawe , ushobora aliko no kuba mumujyi aliko ugomba mbere yabyose kugira ibyangombwa bikuranga nibikwemerera kuhakorera !!! IBYO UBURUNDI BULIMO GUKORA NIBYO 100%

  • KUBASANSUMA NI VYO KUKO BASHOBORA KUBA BARI MU BAVYONGA MU GIHUGU CACU.AHUBWO BASANSUME NO MU GIHUGU HAGATI .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.