IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyamahanga baba muri Zambiya bahumurijwe

Abanyamahanga baba muri Zambiya bahumurijwe

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par egide

Umukuru w’igihugu ca Zambia, Edgar Lungu yabwiye abanyamahanga baba muri ico gihugu ko igisirikare n’igiporisi bigiye gukora ibishoboka vyose kugira ubusahuzi bakorewe ntibuzosubire, akabahumuriza ko n’ababikoze bazobihanirwa.

Mu gihe yagendera bamwe mu banyamahanga bahungiye mw’isengero, Edgar Lungu yababwiye ko ubusahuzi bakorewe mu gisagara ca Lusaka ari igitutsi kuri Zambiya.

JPEG - 235 ko
Edgar Lungu, umukuru w’igihugu ca Zambiya

Muri ubwo busahuzi buvanze n’intureka bwamaze iminsi 2, hasenyuwe amaduka yAbanyarwanda arenga 60, hicwa n’abantu babiri.

Abantu barenga 250 nibo bamaze gufatwa inyuma y’isahurwa ryakozwe mu maduka y’abanyarwanda arenga 60 yasahuwe.
Ivyo bitero vyakozwe ku banyarwanda kubera bagirizwa kwica abantu, hanyuma bagakoresha ibihimba vy’imibiri yabo mu migenzo y’uburozi, ariko mu giporisi bakavuga ko ivyo vyagirizwa abanyarwanda baba muri Zambia ari ibihuha.

Umuvugizi w’igiporisi ca Zambia, Charity Munganga, mw’itangazo yasohoye, yamenyeshe ko iyo bihuha ari ibitangazwa n’abantu bafise umugambi w’ubugizi bwa nabi kandi bagashaka kuzana ubwoba mu banyagihugu, kugira basigure ubugizi bwa nabi bariko barakora.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.