Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyasomaliya baba muri Afrika y’epfo barakorewe ibitero
 Abanyasomaliya baba muri Afrika y’epfo barakorewe ibitero
 Abanyasomaliya baba muri Afrika y’epfo barakorewe ibitero
				
				lundi 3 Ruheshi 2013
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Somaliya Abdi Farah Shirdon, yandikiye umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma, amusaba guhagarika ibikorwa vyo kwigenza ku banyasomaliya bakora ubudandaji mu gihugu ca Afrika y’epfo.
Inyuma y’urwo rwandiko rwandikiwe Jacob Zuma umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Abdi Farah Shirdon yarungikiye kandi ubutumwa bw’akababaro imiryango y’abanyasomalia biciwe canke bagakomerekera mu bitero biherutse kubera mu bisagara vya Pretoria na Port Elizabeth, aho yabamenyesheje ko ahojeje imiryango yabuze, bose hamwe n’abakomerekejwe akabasaba kwihangana.
Tworangiza tubamenyesha ko mu myaka iheze, igihugu ca Afrika y’epfo caranzwemwo ibitero vyakorerwa abanyamahanga.
Egide Nduwimana
