IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abanyepolitike bige gukoresha urwenge runtu mu kurondera abanywanyi"

"Abanyepolitike bige gukoresha urwenge runtu mu kurondera abanywanyi"

jeudi 10 Gitugutu 2013

Mu ruganda rwatunganijwe n’ishirahamwe Initiative et Changement - Burundi Tugenderubuntu, umuhinga yatanze ikiganiro Patiri Désiré Yamuremye yasavye ko abanyepolitike bokoresha urwenge runtu mu kurondera abanywanyi baja mu migambwe yabo.

Ivyo akaba yabivuze asaba ko mu gihe c’ukurondera abanywanyi, abanyepolitike boheza bagatanga imigambi irashe, kandi iboneka nk’iyamagara y’abantu, imigambi irashe mu gisata c’indero n’ibindi. Mu gihe vyibonekeza ko bamwe mu kurondera abanywanyi bakoresha ingendo y’ukuryanisha abanyagihugu, aho urwaruka arirwo rukoreshwa cane muri ukwo kutihanganiranira mu vya politike, patiri Désiré Yamuremye amenyesha ko abanyepolitike bakwiye gufashanya n’abavyeyi, bagaheza bakarera urwaruka rw’Uburundi ruri mu migambwe kuko bitagenze ukwo, bishobora kuvamwo indyane nk’izibonekeje mu gihugu ca Kenya mu mwaka w’2007 no mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho urwaruka rwimonogoje mu guhohoteranira.

Ukwo kutihanganiranira rero muvya politike, bikaba vyerekanywe n’abari muri urwo ruganda, haba abari mu migambwe imwe imwe, haba abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike ndetse n’abandi. Abo bose, bakaba bagiriza umugambwe CNDD-FDD usanzwe uri ku butegetsi ko urwaruka ruwukomokamwo "Imbonerakure" rutoteza abanyagihugu mu ntara zitandukanye z’igihugu. Ivyo bikaba vyagerageje kubeshuzwa na Laurent Nicimbeshe yahoze ari umukenguzamateka, ubu akaba ajejwe ivyo kwigisha akarangamutima k’uyo mugambwe, ndetse yari yaserukiye n’uyo mugambwe CNDD -FDD muri iryo hwaniro.

Abatumiwe haba abarongoye amashengero mu Burundi, amashirahamwe amwe amwe n’imigambwe bakaba bose bahuriza ku nzira nziza yo guhuza abanyamigambwe, bakubahiriza amasezerano bashitseko mu ntara ya Kayanza, urupapuro rw’inzira, hanyuma ukutihanganiranira kwibonekeza mu vya politike kugahagarikwa n’abarongoye imigambwe bonyene, kugira Uburundi buze bushike ku matora meza kandi ari ku mugaragaro yo mu mwaka w’2015.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.