IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI yasabwe kwongereza inguvu mu gukora intonde z’abazotora

CENI yasabwe kwongereza inguvu mu gukora intonde z’abazotora

vendredi 13 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abanyeporitike bamwe bamwe basaba umurwi CENI kwongereza inguvu muri ca gikorwa co gushira mu nyabwonko abiyandikishije kugira bazotore.

Mu gihe ku munsi w’ejo bamwe muri Reta bari bishikiye ahariko hakorerwa igikorwa co gushira mu nyabwonko abiyandikishije, kuri uno wa gatanu naho hari haramukiwe abanyeporitike.

Inyuma yo kwirabira ico gikorwa ingene kiriko kiragenda, umukuru w’umugambwe CNDD- FDD Pascal Nyabenda asaba umurwi CENI ko wokongereza inguvu muri kino gihe, kuko atari aho, bashobora gucerwa kuko ibimaze gukorwa ari bike ugereranije n’ibisigaye.

Agathon Rwasa avuga ko arongoye umugambwe FNL nawe nyene asaba uwo murwi ujejwe gutegura amatora CENI ko woshiramwo inguvu nyinshi, mbere asaba CENI gusaba abasanzwe babafasha kwongereza ibikoresho na cane cane amamashini kugira ico gikorwa gishobore kurangira vuba.

Agathon Rwasa avuga ko bashoboye kubona ibishobora gukosorwa n’ibindi bishobora kwanka, nk’akarorero abiyandikishije kenshi vyabonetse ko bishobora gukosorwa ariko hari n’ibindi bishobora kwanka. Ari nayo mpamvu asaba umurwi CENI ko worondera twa dukoresho dutuma umuntu yafuse irangi biboneka adashobora gusubira gutora kabiri, ikindi asaba, nk’uko no mu bindi bihugu bigenda, hari hakwiye kuzoba ahantu umuntu aca agakaraba ibiganza kugira ibintu vy’ubucafu bituma irangi ridafata ku ntoke rishobore gufata neza, nk’uko abandanya abishikiriza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.