IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyeshure bahungiye imbere y’Ubuserukizi bw’Amerika banse kuhava ku (...)

Abanyeshure bahungiye imbere y’Ubuserukizi bw’Amerika banse kuhava ku nguvu

jeudi 25 Ruheshi 2015

Abanyeshure bahungiye imbere y’Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi, bagabishijwe ko bashobora kuhakurwa ku nguvu.

Ernest Niyungeko umwe mu bahungiye aho imbere y’ubuserukizi bw’Amerika mu Burundi, yabariye ikinyamakuru IGIHE.bi ko babwiwe amajambo y’iterabwoba n’icegera c’umukuru w’igiporisi Godefroid Bizimana, aho yabasavye kuva aho imbere y’ubwo buserukizi, bitarenze kuri uyu wa 25 Ruheshi, igihe c’isaha zibiri z’igitondo. Abo banyeshure bakaba babajije mu buserukizi bw’Amerika i Bujumbura ivy’ayo makuru, nabo barayemeza, baca babasaba ko bohava.

Abo banyeshure ariko bakaba barahiye bararengwa ko batahava, kiretse ivy’umutekano wabo bitorewe inyishu. Bavuga ko baguma aho, kuko itegeko ryabirukanye muri kaminuza y’Uburundi, atari ryo ryabatumyeko, kugeza ubu bamwe muri bagenzi babo nk’uko babivuga bahunze igihugu, abandi batawe muri yompi, abandi nabo, bakaba baturatura ahatandukanye. Abo nayeshure bakaba bari basohowe muri kaminuza y’Uburundi kw’itegeko ry’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza Joseph Butore, ari naco gituma bavuga ko iryo tegeko nyene ryobahamagaza, bagaca bavugana n’ikibazo c’umutekano wabo.

Amakuru tumaze kuronka akavuga ko abaporisi n’ubu batarashika imbere y’ubwo buserukizi, kwirukana abo banyeshure, ariko abo banyeshure bakaba kuva mu bucagucagu, bagumye biteze ko igiporisi kibashwara.


IGIHE

Messages

  • TWEBWE NKA BAVYEYI BABO BANA TUBONA ABO BANYESHURE SOIT BOTAHA CANKE BAKAJA MWISHURE KUKO TWEBWE BATUNANIYE SINUMVA CO BARIKO BAKORA NGAHO.
    TURASAVYE KO BOTAHA IYO BAJE BAJA CANKE BAKAJA MW’SHURE.

  • Ariko abo banyeshur nabana babategetsi cank nabo nyen usanga irya miguko bari bayishigikiy?twebw tur kwishur mbon umutekano ukwiy bashka kwigir zaburay muburundi bahahahimvy nuko bafis biwabu bakiz nkaj imv rugur nirira ikijumbu nohungiraho abo bariherej ubuzima barabufis

  • MURAGABE BAGENZI IVYOBINYWAMASO BISIGAJIGIHE GITO IVYABO BIKAJAHABONA NTIBIBATEMBANE UBU BIMEZE NKIKIBWA CABUZE SHEBUJA UWOGICIYEKO KIRAKATA MURABA HANGE IVYOBIPOLIC NIBIGESERA

  • None ko batekanye ataco basaba reta kiretseko bahahungiye kubera imvo z’umutekano babahora iki?ivyo bagira vyose bamenyeko ukuri kuzoja ahabona ubutungane nyakuri bugakora kiretse abo bansumirinda.

  • Kongatara Naho Mwopfa Nibisanzw Nahandi Tws Tuzopfa.Nivyo Ntamutkano W,aba Poilisims Uriho Baguma Babirukako.Poilisims Nibabarek Kuko Bafis Uburenganzira Bwo Guhunga Nayo Babatey Amerika Irababona Izoba Itew Nayo Sumwana Tuzoyibona.Kongatara

  • Noneko Barimurugo Gwuwundi Mugabo Nawe Akaba Atakibazo Bamuteye Leta Ibahigakwiki Kwataco Bayisavye?Uwo Nduwimana Yiyita Umuvyeyi Nategeke Uwiwe Ababandi Abareke Uwonawe Avugakwari Kwishure Niyige Atekanye Ntarabe Ivyabandi Batereye Hejuru Umwewese Asama Ayiwe

  • none bariko bakorayo ikint?ko numva NGO bari mubihumbi 14 nkaba numva kuri ambassade hari abadashika na 200 kuki badataha mumihana yabo nkabandi Bose??bakwiye kuhakurwa kunguvu izongegera.kwatamunyeshure ndabona bafashe canke bishe ngaha iwacu kandi aba universitaires mbona aribeshi hano bibereye kumwe nabavyeyi babo bariko barakora imirimo .nabonyene harico biyagiriza

  • Yemwe ni mureme iyi leta hasigaye igihe gito tukayisezerera .kongatara nabandi tubarinyuma.

  • NUKURI JEW ICOMBIBONAK NUKOBOBAREKA NIMBA ATACO BAHONONA MURAKOZE BY

  • jewe nibazako mwakumvikana kuko igikuru ni umwumvikano atanguvu zikoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.